Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yakiriye Umukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe impunzi kw’isi HCR

Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yakiriye Umukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe impunzi kw’isi HCR

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 28 Ndamukiza 2021, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yahaye umubonano Filippo Grandi, Umukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe impunzi kw’isi HCR, amaze imisi ibiri mu rugendo ngaha mu Burundi.

Muri uyo mubonano, baganiriye ahanini ku bijanye n’itahukanwa ry’impunzi, aho abarundi batari bake bari barahunze igihugu bashishikara gutahuka. Abo banyecubahiro bompi banejerejwe cane n’ingene impunzi z’abarundi bari barahunze kuva mu myaka itari mike, bagahungira na cane cane mu bihugu vyo mu karere nka Tanzaniya, Urwanda, Uganda n’ahandi bashishikara gutahuka ku bwinshi.

Filippo Grandi Umukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu riraba ivy’impunzi kw’isi HCR yamenyesheje ko amakungu yemeza ko mu gihugu c’Uburundi amahoro, umutekano n’impore vyasubiye gutsimbatara muri kino gihe. Yavuze ko ishirahamwe HCR arongoye ryiyemeje gukorana na Reta y’Uburundi kugirango impunzi zose zipfuza kugaruka mu gihugu c’amavukiro zitahuke.

Uyo mushitsi yamenyesheje kandi ko, iruhande y’igikorwa co gufasha mu gikorwa co gutahukana izo mpunzi, ishirahamwe HCR ryariyemeje kandi no gufasha mu bijanye no gutanga ibikenewe mu gikorwa co gufasha izo mpunzi gusubira kwibeshaho, kugirango bashobore kwiteza imbere, batezimbere n’igihugu.

Muri uyo mubonano, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yabwiye uyo mushitsi ko amahoro n’umutekano bisasagaye kandi ko abenegihu bari ku kivi mu rugamba rwo kurwanya ubukene. Yagarutse ku twigoro twinshi twa Reta Nkozi ikaba na Reta mvyeyi kugirango igihugu gitere mimbere, ari natwo dutuma izo mpunzi zitahuka ku bwinshi mu gihugu cabo c’amavukiro, kugira bifadikanye na benewabo mu rugamba rw’iterambere rirama kandi ridakumira

shares
error: Content is protected !!