Kirundi || Français

Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye asaba indongozi kuba koko abungere nyabo b’abo bajewe kurongora, mu kubabera umuco w’ubumwe n’urukundo

Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye asaba indongozi kuba koko abungere nyabo b’abo bajewe kurongora, mu kubabera umuco w’ubumwe n’urukundo

 

Aherekejwe n’Umutambukanyi wiwe Nyenicubahiro Angeline Ndayishimiye, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yifadikanije n’abakristu ba Paruwasi yitiriwe Umweranda Francisco w’i Assise ya Magarama ikukira diocèse nkuru ya Gitega, mu nkuka ya misa yo kuri uyu musi w’Imana ugira 4 wa Pasika, aho mw’ijambo yashikirije yasavye indongozi zose kubera urumuri abo zijejwe kurongora, guharanira ubumwe, urukundo n’amahoro biva ku mana mu ntumbero yo kwubaka Uburundi.

Mu gihe kuri uyu musi w’Imana abakristu katolika bari baramutse bahimbaza umusi wahariwe Yezu Mwungere Mwiza, n’umusi mpuzamakungu wahariwe gusabira umuhamagaro, Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yasavye indongozi zo mu bisata vyose kuba abungere beza mu kuragira neza ubusho bw’Imana, aribo barundi. Ati indongozi, aribo bungere bategerezwa kumenya ico bajewe,mu kuragira neza intama z’Imana. Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye ati indongozi zimenyeko zitari abacangero, ariko nyabuna ari abafasha b’abenegihugu. Ati indongozi zose mu bisata vyose, zigire urunani mu gusukurira neza ihanga ry’Imana, aribwo Burundi, kandi bame babera akarorero keza abenegihu.

Ku ruhande rw’abenegihugu, yabasavye kugira ubumwe, bafatane mu nda, bubake umurima w’Imana. Ati turi mu muryango umwe, ariwo Burundi, ati rero tugire ubumwe, tubabarane muri vyose na hose, tube koko intama nziza, zirangwa n’urukundo. Yabasavye kubandanya basabira indongozi z’igihugu, kugirango Imana ibafashe muri iki gikorwa co gusanasana imitima y’abarundi, yatosekajwe n’amabi yaranze igihugu cacu c’Uburundi muri kahise.

Sebarundi ati igihugu c’Uburundi ni ic’abarundi bose, ingabanwa Imana yahaye abarundi bose, ata n’umwe avuyemwo. Ati ni naco gituma abarundi bose bategerezwa kuguma mu bumwe mu ruhongore rumwe rw’Imana, arirwo Burundi. Yaciye asaba impunzi zose gutahuka, basubire mu ruhongore rw’amahoro n’amahonda Imana yabahaye, baze kwifadikanya na benewabo mu rugamba rwo kurwanya n’ubukene, ngo narirya n’umwimbu ubandanya kuba mwinshi mu gihugu.

Umukuru w’Igihugu yashimishijwe kandi n’ishusho ryiza Uburundi bubandanya kugira mu makungu, aca asaba zina murundi wese gukunda igihugu ciwe no gukora ibikorwa vyose bihesha iteka Uburundi mu makungu.

Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye ntiyibagiye kwibutsa abarundi kwirinda ikiza ca Corona mu gukurikiza  ingingo zose zafashwe zijanye no kukigwanya, na cane cane wipimisha kenshi gashoboka. Ati mwipimishe hakiri kare, mutarinze kwibonako ibimenyetso vy’ico kiza, kugirango ntimusinzikare.

shares
error: Content is protected !!