Kirundi || Français

Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu c’Uburundi Angeline Ndayishimiye, ari i Brazzaville, yashigikiye icipfuzo co gukorana mu runani n’abandi batambukanyi b’abakuru b’ibihugu vya Afrika

Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu c’Uburundi Angeline Ndayishimiye, ari i Brazzaville, yashigikiye icipfuzo co gukorana mu runani n’abandi batambukanyi b’abakuru b’ibihugu vya Afrika

 

Kw’igenekerezo rya15 Ndamukiza, Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Angeline Ndayishimiye yaraherekeje Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye i Brazzaville muri Repubulika ya Congo mu rugendo yari aramutse agira rwo gushigikira Mugenziwe wa Congo Nyenicubahiro Denis Sassou Nguesso mu birori vyo kwimikwa, mu nyuma y’aho yongeye gutorwa n’abenegihugu.

Ashitse inyuma y’umutaga ku kibuga Mpuzamakungu c’indege citiriwe Maya-Maya c’i Brazzaville, Nyenicubahiro Ndayishimiye Angeline yakiriwe na Mugenziwe wa Congo Nyenicubahiro Antoinette Sassou Nguesso, baca babandanya ku kirimba c’Umukuru w’igihugu. Baraganiriye ku migabo n’imigambi y’ishirahamwe ry’abatambukanyi b’abakuru b’ibihugu vya Afrika (OPDAD), bakaba bararonse akanya ko kurabira hamwe uburyo botsimbataza imigenderanire hagati y’amashirahamwe Fondation Umugiraneza rirongowe n’umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Angeline Ndayishimiye na Congo Assistance ya Nyenicubahiro Antoinette Sassou Nguesso wa Congo.

Muri rusangi, mu biyago bagiranye, Nyenicubahiro Angeline Ndayishimiye yashimikiye ku nyungu y’ibikorwa bikorewe hamwe. Ati mu kwungurana ubwenge, twisanga ibikorwa vyacu bitumbereye cane cane abantu b’amikoro make bari mu bihugu vyacu. Ati mu guhwanira ku ntumbero imwe, bizotuma tugira inguvu.

.Abo banyenicubahiro bompi barahanahanye utuganuke twerekana akaranga k’ibihugu vyompi, uyo mugenzo uratsimbataza imigenderanire myiza. Bariyemeje kugira imigambi bahurirako mu mashirahamwe yabo OPDAD, Fondation Umugiraneza na Congo Assistance.

shares
error: Content is protected !!