Kirundi || Français

Umutambukanyi w’Umukuru w’Igihugu yahaye umubonano uwuserukira OMS mu Burundi

Umutambukanyi w’Umukuru w’Igihugu yahaye umubonano uwuserukira OMS mu Burundi

Nyenicubahiro Angeline Ndayishimiye, Umutambukanyi wa Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu c’Uburundi, akaba anarongoye amashirahamwe UMUGIRANEZA na OPDAD-Burundi, yahaye umubonano uwuserukira ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho amagara y’abantu, OMS, Dogiteri Xavier Crespin, ku wa 13 Ndamukiza 2021, aho yari aramutse agendera ubwa mbere Umutambukanyi wa Sebarundi.

Mu vyo baganiriye, bagarutse ku kuntu OMS ryoshigikira ibikorwa bitegekanijwe n’ Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu. Nyenicubahiro Angeline Ndayishimiye yakeje ishirahamwe OMS ku twigoro ridasiba kugira mu kuba hafi Uburundi n’abarundi, kugira amagara yabo agume ameze neza. Yanashimiye ishirahamwe OMS kuvyo rimaze gukorana n’ishirahamwe UMUGIRANEZA na OPDAD-Burundi.

Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu yamenyesheje kandi ko ikibazo c’amagara y’abantu yagishize ku rugero rwa mbere mu bikorwa vy’ishirahamwe UMUGIRANEZA na OPDAD-Burundi. Mu ntumbero yo gufasha imiryango itararonka ikibondo, Nyenicubahiro Angeline Ndayishimiye yamenyesheje ko Ishirahamwe UMUGIRANEZA asanzwe arongoye ririko rirubaka ikigo kizohora gifasha no kuvura abafise ingorane z’ubugumba, mu Giheta, mu ntara ya Gitega.

Nawe Dogiteri Xavier Crespin yakeje Umutambukanyi wa Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu c’Uburundi kuvyo amaze kurangura, biciye mw’ishirahamwe UMUGIRANEZA na OPDAD-Burundi, ku neza y’imiryango y’abarundi n’iyabafise amikoro make. Ibikorwa biza vyunganira ivya Reta, mu guteza imbere amagara y’abantu.

Dogiteri Xavier Crespin, aserukira ishirahamwe OMS mu Burundi, yarangije ijambo ryiwe amenyesha ko OMS rizobandanya rishigikira Reta n’ibikorwa vy’Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu c’Uburundi.
Muri uwo mubonano, Dogiteri Xavier Crespin yari yaje azaniye Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu, ubutumwa bw’ishirahamwe OMS, bwo kumukeza ku bikorwa amaze kurangura n’ukuntu yitaho bidasanzwe ibibondo.

shares
error: Content is protected !!