Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu yuguruye ihuriro ry’urwaruka rigira 5

Umukuru w’Igihugu yuguruye ihuriro ry’urwaruka rigira 5

 

Aherekejwe n’Umutambukanyi wiwe, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yuguruye icese kuri uyu wa Kane, ihuriro rigira 5 ry’urwaruka, ku civugo: “Umwe wese kuco ashoboye, dukore twese”

Iryo huriro rigira 5 ry’urwaruka ririko rirabera mu ntara ya Gitega, mu nyubakwa z’ishure ry’ubuvuzi rya Gitega, kuva kuri uyu wa 8 gushika kuwa 9 Ndamukiza 2021, ryitabwe n’urwaruka rwababa 500, rwaje ruva mu makomine yose y’U Burundi, rushigikiwe na bamwe mu bashikiranganji bagize Reta, ba Buramatari b’intara, n’abandi banyecubahiro batari bake, harimwo Nyakwubahwa Reveriyano Ndikuriyo, Umukuru w’Umugambwe CNDD-FDD, na Nyakwubahwa Umuhuza w’abarundi Edouard Ndumwimana.

Mw’ijambo yashikirije, Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yashimye ko urwaruka rw’Uburundi rwamaze gutahura ko rufise uruhara ntangere mw’iterambere ry’igihugu. Yavuze ko Reta yiyemeje kurushigikira, kugirango rwirangurire imigambi yo kwiteza imbere. Yibukije ko iruhande y’ibanki y’urwaruka BIJE iheruka gushirwaho, Reta y’Uburundi yashizeho kandi, kw’itegeko ry’Umukuru w’Igihugu Nomero 100/038 ryo kuwa 18 Ruhuhuma 2021, ikigega cagenewe gufata mu mugongo imigambi y’urwaruka.

Uyu musi wa mbere w’ihuriro ry’urwaruka, waranzwe n’inyigisho zo gukunda no kuzirikana igihugu kuri urwo rwaruka ruva mu gihugu cose, inyigisho zabaye mu mwiherero, ziremeshejwe na Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye, aho yashimikiye na cane cane kw’ihangiro nyamukuru ry’iryo koraniro ry’urwaruka rigira 5.

Muri izo nyigisho, Sebarundi yasiguriye urwo rwaruka iyerekwa n’intumbero nyamukuru ya Reta Mvyeyi ikaba na Reta Nkozi, aca abasaba kuvavanura n’ivyiyumviro bimwe bimwe vyataye igihe no guhaguruka, bagakura amaboko mu mpuzu, bagategura kazoza keza kabo n’ak’igihugu cabibarutse.

Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yashimikiye kandi no ku ruhara urwaruka rutegerezwa kugirango igihugu gitere imbere. Yashimye ingene hibonekeza muri kino gihe imigambi itandukanye y’iterambere iriko irarangurwa n’urwaruka, aca abasaba guhozako.

Afatiye kuri kahise kabi katosekaje Uburundi n’abarundi, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yavuze ko umwanya abarundi batakaje uhagije, aca asaba urwaruka kuba inkingi z’amahoro n’iterambere, mu gushira ahagaragara ingabirano bafise, mu gutezimbere igihugu cabibarutse.

Yarangije abahamagarira kuja imbere mu kurwanya ikiza ca corona, mu gukurikiza  ingingo zose zafashwe zo kukirwanya, na cane cane kwipimisha. Yasavye urwaruka gufata iya mbere muri wa mugambi Ndakira, Sinandura kandi Sinanduza ikiza ca corona, aca abasaba kwitabira isekeza ryo kwipimisha ico kiza, imbere yuko uburuhuko bwa Pasika burangira. Ntiyibagiye no kubasaba kwirinda umugera wa sida, kuko nawo nyene ngo uri mu biza bisasika inganda mu gihugu.

shares
error: Content is protected !!