Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu asaba abarundi kwipimisha ikiza ca corona, kenshi gashoboka.

Umukuru w’Igihugu asaba abarundi kwipimisha ikiza ca corona, kenshi gashoboka.

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye, ari kumwe n’Umuryango wiwe, bifadikanije n’abakristu bo muri Paruwasi Regina Pacis, iri mw’ikambi y’igiporisi ya SOCARTI mu Kamenge, mu gisabisho co kuri uwu w’Imana ugira 5 w’igihe c’ikarema.

Mw’ijambo ryo kuramutsa abakristu yashikirije, yashimiye Imana kubona yarakingiye Uburundi n’abarundi ikiza ca corona, aca asaba abarundi kwipimisha ico kiza kenshi gashoboka, n’imiburiburi rimwe mu ndwi. Ati mwipimishe hakiri kare, kuko iyo umuntu arinze kwibonako ibimenyetso vyayo, aba amaze kuremba. Ati ni naco gituma ibibanza bapimiramwo uwo mugera vyakwiragijwe mu gihugu cose, kandi kwipimisha ari ku buntu.

Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yasavye kandi abarundi kwama bakurikiza impanuro zose bahawe, mu bijanye no kwikingira umugera wa corona, na cane cane biciye mu gukaraba kenshi gashoboka.

Muri urwo rugendo, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yari yagiye yitwaje agakemanyi, kagizwe n’amabati azosakara isengero ry’iyo Paruwasi iriko iragugwa, aca yongera abemerera n’imifu 200 y’isima.

shares
error: Content is protected !!