Kirundi || Français

Uburundi buratsimbataye mu karere ka Afrika y’Ubuseruko

Uburundi buratsimbataye mu karere ka Afrika y’Ubuseruko

 

Ku ncuro ya mbere kuva ashikiriye amabanga yo kurongora Uburundi, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye, kuri uyu wa gatandatu, yitavye inama isanzwe y’abakuru b’ibihugu bigize umuryango wa Afrika y’Ubuseruko EAC, inama yagenye Nyakwubahwa Dr. Petero MATHUKI umunya Kenya kuba Umunyamabanga Mukuru w’uwo muryango, nayo umurundi Nestor Kayobera, akaba ariwe agiye gutwara Sentare y’akarere ka Afrika y’Ubuseruko.

Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye ati «Ndahimbawe cane no kuba ndi kumwe namwe bavukanyi bakuru b’ibihugu n’ama Reta, kugirango nterere umuganda mu gikorwa co gushira mu ngiro ivyo umuryango wacu wiyemeje. Mfashe kano kanya, kugirango nkeze Uwugiye kurongora iyi nama y’abakuru b’ibihugu vya EAC, Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu ca Kenya Uhuru Kenyatta, hamwe n’Umunyamabanga Mukuru mushasha w’uyu muryanyo, Nyakwubahwa Dr. Petero MATHUKI, nongera menyesha ko tubashigikiye».

Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yashimye cane kandi kubona igihugu ciwe giserukiwe ku rwego rwo hejuru muri Sentare y’akarere ka Afrika y’Ubuseruko irongowe kuva uyu musi n’umurundi azwi kw’izina rya Nestor Kayobera. Ati « Turanezerejwe cane no kubona ko ibindi bihugu bibanyi biriko birasaba kwinjira mu muryango. Ni ikimenyetso ntaseswa cerekana ubugira kandi ko ataco tudakora kugirango umuryango wacu ube icitegererezo. Dutegerezwa kubandanya muri iyo nzira nziza n’uwo murindi kugira dushike ku ntambwe ikomeye, mu bijanye n’ukwiyunga ».

Umukuru w’Igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye ntiyibagiye gushimira inzego zitandukanye za EAC, ku ntambwe imaze gushikwako n’ibimaze kurangurwa, mu bijanye n’ishirwa mu ngiro ry’imigambi itandukanye y’umuryango, muri iki kiringo co kuva muri ruhuhuma 2019, gushika muri ruhuhuma 2021.

shares
error: Content is protected !!