Kirundi || Français

Umukuru w’igihugu aguma ari hafi y’abenegihugu mu migambi y’iterambere

Umukuru w’igihugu aguma ari hafi y’abenegihugu mu migambi y’iterambere

Mu ntumbero yo kwirabira imigambi y’iterambere ishigikiwe n’Ibanki y’Isi yose, Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Ndayishimiye Varisito yarabandanije kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 24 Ruhuhuma 2021, gusanga ku kivi abarimyi-borozi ba kijambere, akaba yishikiye mu makomine ya Mbuye na Rutegama yo mu ntara ya Muramvya.
Ku murwa mukuru wa komine ya Mbuye, Umukuru w’igihugu yagendeye koperative yitwa Uhirazikamwe ishigikiwe n’umugambi PRODEFI, ikaba yatangujwe icese mu kwezi kwa Gitugutu 2014 na Nyenicubahiro umuhisi Petero Nkurunziza. Iyo koperative Uhirazikamwe yihaye intumbero yo kwegeranya, kudandaza, no guhingura ibiva mu mata.

Umukuru w’igihugu amaze gutembera mu nyubakwa z’iyo koperative, yaciye asaba abayirongoye kwisuganya ukundi, kugira ngo bashobore guhiganirwa ku masoko n’ayandi mahinguriro ahingura ibiva mu mata.

Mu nyuma Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu yagendeye umurimyi-mworozi wa kijambere azwi kw’izina rya Félix Simbarokoka wo ku musozi wa Bigwana, muri iyo komine nyene ya Mbuye. Uwo murimyi-mworozi yaronkejwe n’umugambi PRODEFI inka imwe, yamubereye umugisha mu kumushikana ku nka zitatu, n’umurima w’ibitoke wimbuka cane. Ni co kimwe n’uw’i Nyarunazi muri komine ya Rutegama afise inka n’umurima w’ibitoke. Umukuru w’igihugu yabipfurije gutera imbere no kubera akarorero ababanyi mu bikorwa vy’iterambere ryabo.

Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu yaragendeye kandi umwonga uri kuri hegitari 170 uri hagati ya Mbuye na Rutegama muri zone Gasura, ahateragiye umurima munini w’umuceri. Abarimyi bakoraniye mu makoperative baharimye bafashijwe na PRODEFI. Umukuru w’igihugu yabahimiririje gukoresha umwavu ukwiye kugira bongereze umwimbu.

Muri komine ya Mbuye nyene, Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu yaragendeye urugomero rwo kuvomera ruri ahitwa Munanira II, rukaba rwubatse ku ruzi Mubarazi. Urwo rugomero rusanzwe ruvomera imirima y’imiceri ahanini, ariko Nyenicubahiro Ndayishimiye yasavye ko rwonakoreshwa no mu gihe c’ici mu kuvomera iyindi mirima irimwo izindi mbuto.

shares
error: Content is protected !!