Kirundi || Français

Ibihugu vya Côte d’Ivoire na Nigeria biriteguye gushigikira Uburundi mw’iterambere

Ibihugu vya Côte d’Ivoire na Nigeria biriteguye gushigikira Uburundi mw’iterambere

 

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Ndayishimiye Varisito yakiriye kuri uwu wa gatatu itariki 3 Ruhuhuma 2021 intumwa zidasanzwe zibiri zarungitswe na bagenziwe ba Nigeria Muhammadu Buhari na Côte d’Ivoire Alassane Wattara.

Abamenyeshamakuru bámubajije icamugenza, Joe Keshi wa Nigeria yemeje ko ubutumwa yazanye burimwo ahanini icipfuzo ca Nyenicubahiro Muhammadu Buhari co gukomeza imigenderanire isanzwe yari ihari hagati y’igihugu ciwe n’Uburundi, na cane cane mu bisata vy’indero, ubuhinga bwo gutumatumanako amakuru, no kwimba ubutare nka petroli ivugwa mu biyaga vy’Uburundi.

Amb. Paulin Claude Danho wo mu gihugu ca Côte d’Ivoire, na we, yashikirije icipfuzo c’Umukuru w’igihugu ciwe Nyenicubahiro Alassane Wattara c’uko yipfuza ko imigenderanire hagati y’Uburundi na Côte d’Ivoire yonagurwa igakomera cane. Kubw’iyo ntumwa idasanzwe Paulin Claude Danho, urugamba Nyenicubahiro Ndayishimiye n’inzego zindi z’igihugu bariko bararwana ku kiza ca koronavirusi bitanga icigwa kuri Côte d’Ivoire.

Twobamenyesha ko Umukuru w’igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Ndayishimiye Varisito yatumiwe n’abo bagenziwe uko ari babiri mu ntumbero yuko yokwishikira muri ivyo bihugu bakicara bakanoganza ibikenewe gukorwa kugira imigenderanire ikomere cane.

shares
error: Content is protected !!