Kirundi || Français

Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye asaba abajejwe gukurikirana isanurwa ry’isoko rya Kamenge kwitanga, kugirango ibikorwa birangire ku gihe

Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye asaba abajejwe gukurikirana isanurwa ry’isoko rya Kamenge kwitanga, kugirango ibikorwa birangire ku gihe

 

Mu rugendo yagize inyuma y’umutaga wo kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 27 nzero ahariko hararangurirwa ibikorwa vyo gusanura isoko ya Kamenge, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yasavye abarongoye umurwi ujejwe gukurikirana ivyo bikorwa gukorana umwete, ubwira n’ubukerebutsi kugirango birangire ku gihe vyategekanirijwe.

Muri urwo rugendo yagize mu ntumbero yo kwirabira aho ivyo bikorwa vyo kwubaka iyo soko bigeze, Sebarundi akaba yashoboye rero kugenzura ibibanza bitandukanye bizoba biyigize, nk’ahazocururizwa ibidandazwa, ibibanza bizokwubakwamwo ahazoca intsinga z’amatara n’ahazoca amazi, imihora izoba igenewe gucamwo vya biduga bijejwe kuzimya umuriro mu gihe wadutse, n’ahandi hatandukanye.

Imbere yo kurangiza ico gikorwa co kugenzura ivyo bikorwa vyo gusanura iyo soko ya Kamenge yahiye mu mwaka uheze biturutse ku mucanwa wadutse, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yasavye uyo murwi ujejwe ivyo bikorwa kwongereza abakozi, kugirango ico gikorwa gishobore kuzorangira ku gihe cagenewe.

shares
error: Content is protected !!