Kirundi || Français

Amasengesho yo gushimira Imana ko yazigamye Uburundi mu mwaka wa 2020, kabaye akaryo ko kwerekana ubumwe buri hagati y’abemera Imana

Amasengesho yo gushimira Imana ko yazigamye Uburundi mu mwaka wa 2020, kabaye akaryo ko kwerekana ubumwe buri hagati y’abemera Imana

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 31 kigarama 2020, muri komine Mutaho y’intara ya Gitega, niho hasozerwa igisabisho co gushimira Imana ku vyiza yakoreye Uburundi n’abarundi mu mwaka w’2020, catunganijwe na Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu Varisito Ndayishimiye kw’izina ry’abarundi bose, igisabisho catanguye ku musi wa mbere igenekerezo rya 28 Kigarama 2020.

Mw’jambo yashikirije ryo gusozera ico gisabisho c’imisi ine, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yamenyesheje ko ico gisabisho cabaye akaryo keza ko kugaragaza no gutsimbataza ubumwe n’umuvukano biri hagati y’abarundi. Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yibukije ko muri ico gisabisho, abarundi bahereje imbere y’Imana iki kiringo c’imyaka 7, n’imigabo n’imigambi yose yategekanijwe kuzorangurwa muri ico, kugira ngo Imana yo mushoboravyose ishishikare kwerekana ishaka ryayo, no kugaragaza ko iri ku ruhande rw’Uburundi n’abarundi.

Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu yarashimiye cane Imana kubona yarakomeje ubumwe n’urukundo hagati y’abarundi, ikimenyetso ntaseswa ko ifise ikibanza gikomeye cane mu miryango yose y’abarundi no mu gihugu cose muri rusangi. Kubw’ivyo, Sebarundi yaciye atumirira abarundi gutsimbataza urwo rukundo n’ubwo bumwe, kugira ngo isi yose yame ifatira akarorero ku gihugu c’Uburundi, mu bijanye n’umubano mwiza, urukundo n’ubumwe mu bantu.

Yishimikije ijambo ry’Imana riri mu Banyefeso 4 : 1-3, aho Umutumwa Paulo atwigisha ku bana neza mu rukundo rw’Imana, Sebarundi yasavye abarundi kugaragaza urwo rukundo rwabo n’ubwo bumwe bwabo mu buzima bwabo bwose bwo kw’isi.

Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu, akaba yarashimiye indongozi z’igihugu kubona baraje ku mushigikira muri ico kiringo c’imisi 4 ico gisabisho co gushimira Imana camaze. Yarashimiye kandi abenegihugu b’i Mutaho n’abanya Gitega bose muri rusangi, ku kugene bamwakiranye urukundo, akanyamuneza n’ubuvukanyi.

Ntiyibagiye gushimira abagize umurwi watunganije ibikorwa vy’ico gisabisho, ku kugene bitanze batiziganya mu gutunganya neza ico gikorwa, abajejwe umutekano, kubona baritanze ico gisabisho kikagenda neza mu mutekano ntangere, hamwe rero n’abenegihugu bo mu ntara zibanyi na Gitega, arizo Karusi, Ngozi na Kayanza, kubona baraje kwifadikanya n’abandi barundi muri ico gisabisho.

shares
error: Content is protected !!