Umukuru w’igihugu asaba abarundi gukomeza ubumwe n’urukundo kugira intambwe bagezeko ntizosubire inyuma
Ku munsi ugira gatatu w’igisabisho categuwe n’Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye, kw’izina ry’abarundi bose, Umukuru w’igihugu yasavye abarundi gusenga no gukomeza Ubumwe n’Urukundo kugira intambwe tugezeko ntisubire inyuma.
Yishimikije ijambo ry’Imana dusoma mu vyayishuriwe yohani (12 : 7-12), yabasavye abarundi kandi gushira inguvu n’igisabisho hamwe kugira bazitirire aho hose satani yoshobora kumenera. Mu gihe hogira ibibagora naho, yabasavye kwengengana, kuko ahantu hose abantu bariko bararyana shetani iba yahashitse.
Yabandanije ahanura abarundi kutaba nk’aba Nyesirayeri, aho vyashize babona Imana hafi yabo baja gusenga ibigereranyo. Yavuze ati: “Ko twamenye Imana, ikanatwereka ibimenyetso ko turi kumwe, ntituyimanuze”. Yaciye ahamgagarira abari hanze, bicuza ukuntu bogaruka mu Burundi, kugaruka kugira bafashanye n’abandi barundi kwubaha Uburundi, basangire ivyiza Imana yahezagije Uburundi kandi ibandanya ibuhunda.
Yabandanije amenyesha ko abarundi bahejeje guca mu cuma, gucugwa gushasha, ko ari bashasha ari naco gituma yabasavye kuguma bizera kuko Imana izogumana n’abizera.
Imbere y’izo nsiguro zifatiye kw’ijambo ry’Imana ryanditse muri Bibiliya Sebarundi yashikirije, Pasitori Isidore Mbayahaga batazira Réoboth yari yabanje gutanga inyigisho, aho yafatiye ku vyanditse mu gitabu ca Danniel 6: 1-5, no muri Ruka 23: 13-15 , aca asaba abarundi gukunda indongozi zabo, kwirinda amabwire n’amosha mabi, kwirinda aboza kubateranya ngo basubire mu ndyane zo muri kahise, aca abahamagara gukunda igihugu cabo n’imitima yabo yose.
Amasengesho yo kuri uyu muhingamo akaba yarangijwe n’indirimbo zo gutazira, zirongowe na Sebarundi, ashigikiwe n’ama Chorale Irishura na Komezagusenga, batamba, batarika mu gushima ivyiza Imana yakoreye Uburundi.