Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu Varisito Ndayishimiye arashimira Imana ku vyiza yakoreye Uburundi

Umukuru w’Igihugu Varisito Ndayishimiye arashimira Imana ku vyiza yakoreye Uburundi

Mu gusozera umunsi ugira kabiri w’amasengesho y’igihugu yo gushimira Imana ku vyiza yakoreye Uburundi, Umukuru w’Igihugu, Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yamenyesheje ko umwaka w’2020 wabaye umwaka udasanzwe ku Burundi, nkuko Umuhisi Sogokuru Petero Nkurunziza yari yarabivuze.

Sebarundi yagarutse kuri bimwe mu vyerekana ko Imana yagumye hafi y’abarundi, aha agatanga nk’akarorero k’amatora yatunganijwe n’abarundi bo nyene ubwabo, ata mfashanyo zivuye hanze, amatora yakurikiwe n’ibihe vy’amahoro, umutekano n’impore bidasanzwe, bikaba vyabaye imbonekarimwe ng’aha mu gihugu cacu c’Uburundi.

Yavuze kandi ko umwimbu wagenze neza cane mu Burundi, aha akavuga nk’umwimbu w’igiterwa c’umuceri wongerekanye incuro 6, ugereranije no mu mwaka w’2019.

Sebarundi yijeje abarundi ko n’umwimbu w’agatasi uzogenda neza cane, uravye ikirere ingene cifashe, n’ingene ibiterwa bimwe bimwe nk’ibigori bimeze muri kino gihe.

Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu yashimye kandi ko kubera umugambi wo kwijukira kuvomera imirima mu gihe c’ici, vyatumye unwimbu wongerekana mu gihugu, eka mbere no mu bice bimwe bimwe bikunda kwama vyugarijwe n’uruzuba.

Ikindi kimenyetso cerekana ko Imana yagumye hafi y’Uburundi n’abarundi, Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yerekanye ingene Uburundi Imana yabukingiye irandagata ry’ikiza ca koronavirusi, aho umugambi wa Reta wo gukinga no kurwanya ico kiza mu gihugu cacu, watumye ata barundi bo hagati mu gihugu bacandura uyo mugera, kiretse abaza bavuye hanze y’igihugu, nabo nyene bakaba bavurwa bagakira.

Yavuze kandi ko igihugu kimaze kwakira abanyamahanga baza bahunga ico kiza ca koronavirusi mu bihugu vyabo, ivyo bikanagaragarira ku baka impusha bita “visa”, ntibaheze ngo bemere gutahuka iwabo, iyo bene izo mpusha zirangiye.

Ikindi cerekana ko Imana yagumije ikiganza cayo ku Burundi, ni ingingo iheruka gufatwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, yo gukura Uburundi ku rutonde rw’ivyirwa, urwo rubanza abarundi bakaba bari bararushingishije ku Mana, ikaba rero yaraye ibarenganuye.

Sebarundi akaba yarangije amenyesha ko bubaye ubwa mbere mu mateka y’isi, aho tubonye abantu bahunga igihugu, hanyuma bakaba aribo bagaruka bagasaba indongozi z’ico gihugu nyene, ko botahuka mu gihugu cabo cabibatse, ati ivyo ni ibitangaza vyerekana ko ata nkeka ko Uburundi ari ihanga ry’Imana.

shares
error: Content is protected !!