Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye asaba Imana kubandanya ikingira Uburundi

Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye asaba Imana kubandanya ikingira Uburundi

 

Mu nkuka ya misa yaherejwe na Musenyeri mukuru wa Diyoseze nkuru ya Gitega Simoni Ntamwana muri paruwasi Gitongo, komine Mutaho, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye, mu gisabisho rusangi yashikirije, yashimye Imana mushoboravyose kubona yarakingiye Uburundi, mu mwaka dusozereye w’2020. Sebarundi yasavye Umukama kwamiza Uburundi n’abarundi mu biganza vyayo, mu mwaka mushasha wi 2021, no mu myaka izokurikira.

Yasavye kandi Imana kumushoboza, kugirango arangure neza igikorwa abarundi bamushinze co kurongora igihugu, muri kino kiringo c’imyaka 7.

Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye, yipfurije kandi abarundi bose umwaka w’amahoro, umutekano, amagara meza n’iterambere.

Iyo nkuka ya misa yuguruye igisabisho c’imisi 4, catunganijwe n’Umuryango wa Sebarundi, mu ntumbero yo gushimira Imana ku vyiza idahengeshanya gukorera Uburundi, yari yitabwe kandi n’izindi ndongozi nkuru nkuru z’igihugu,abihebeye Imana batari bake n’abenegihugu.

Muri iyo nkuka ya misa, Musenyeri mukuru wa dioseze nkuru ya Gitega Simoni Ntamwana, yashimiye indongozi z’igihugu, kubona zahisemwo guha ikibanza ca mbere Imana mw’itunganywa ry’igihugu, gushika mbere no mw’ibwirizwa riruta ayandi yose, ariryo bwirizwa nshingiro. Yabasavye gukomera kw’ibanga no gukomeza iyo nzira nziza yo gushira hejuru Imana.

Yisunze Inkuru Nziza ya Yezu-Kristu nkuko yanditswe na Matayo (2 :13-18), yasavye indongozi kwama bitaho abatobato, bakamenya na ntaryo ko Imana igendera muribo. Yasavye indongozi z’igihugu kwamana inzira y’urukundo muvyo bakora vyose, ivyo biyumvira n’ivyo bategekanya, mu gutezimbere abarundi bose.

Kuri uyu musi batanguye ikoraniro ry’imisi 4 bari imbere y’Imana, ati vyobabera akaryo ko kwirimbura bakaraba ingene bitayeho abato, aca asaba Imana kumurikira abarundi no kubahunda ubwitonzi nyabwo, yongera abipfuriza guhuza umutina n’inama, muri iyi misi 4 bagiye kumara bayininahaza.

shares
error: Content is protected !!