Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu atumirira Abarundi guha ikibanza gikomeye Imana mu buzima bwabo

Umukuru w’Igihugu atumirira Abarundi guha ikibanza gikomeye Imana mu buzima bwabo

 

Mu birori vyo gutanguza icese igisabisho co gushimira Imana, catunganijwe i Mutaho n’Umuryango wa Sebarundi kw’izina ry’abarundi bose, Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yasavye abarundi kwama baha ikibanza ca mbere Imana yo mushoboravyose mu buzima bwabo, kugirango ibandanye kubahezagira no kubakingira.

Nyenicubshiro Umukuru w’Igihugu yavuze ko ari akaryo keza ku barundi bose, ko kwigina intsinzi Imana yabahaye, no kuyisaba ngo ibandanye kubazigama. Ati mu gihe abarundi bashize Imana imbere, ngo barizeye neza ko ico cose bazoyisaba izokibaronsa. Ati: “Nta n’umwe yohakana ko Uburundi ari ihanga ry’Imana, ufatiye ku bitangaza idahengeshanya kubugirira”. Yafatiye ku karorero k’aho Imana yabarinze ikiza ca koronavirusi, aho yazigurije Uburundi, abenegihugu bakaba bashishikara imirimo yabo, batekanye; ati: “Abarundi barakwiriye kuguma bakengurukira Imana, kuko ibakunda”.

Sebarundi yongeye avuga ati: “Abarundi barafise imvo yo gushima, ari naco gituma bari imbere y’Imana muri kano kanya”. Yagarutse kw’ijambo ry’Imana riri mu gusubira muvyagezwe ahavuga ibijanye n’ivyiza Imana ikorera ihanga rigendera, ryitondera kandi rishitsa amabwirizwa yayo. Ati: “Abarundi bazoguma bagendera iryo sezerano Imana yashikirije Sokuru Nyenicubahiro Petero Nkurunziza, abarundi ntibazigera bibagira amateka yamuranze”. Yaciye asaba abaraho gufata umunota w’agacerere mu kumwibuka.

Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yamenyesheje ko muri iyi misi ine y’igisabisho, hazoba gushimira Imana kuri iki kiringo c’imyaka 7, no kuyishikiriza imigambi Reta Mvyeyi, Reta Nkozi na Reta Nsenzi yategekanije kurangurira abenegihugu muri iki kiringo. Yasavye abarundi guhuza imitima mu kwakira ivyiza Imana yabateguruye muri iyi misi 4 bagiye kumara bari imbere yayo, aca abasaba kuzova muri ico kibanza bakeye, buzuye akamwemwe.

Yashimye kandi ko Imana idahengeshanya gukorera ivyiza igihugu, umwimbu ukaba wagenze neza mu gihugu cose, akaba ata nkeka ko umunwa wose uzoronka ivyo ufungura.

Inyuma yo gushimira abitavye bose kuri uyo munsi wa mbere w’amasengesho, yaciye asengera Uburundi n’abarundi bose, kugira ngo Imana izobahunde imigisha n’imihezahiro muri iyi misi ine bagiye kumara imbere yayo.

shares
error: Content is protected !!