Kirundi || Français

Sebarundi asaba abarundi kuzorangwa n’urukundo, ubumwe n’umwumvikano mu mwaka w’2021

Sebarundi asaba abarundi kuzorangwa n’urukundo, ubumwe n’umwumvikano mu mwaka w’2021

 

Kuri uyu w’Imana igenekerezo rya 27 Kigarama 2020, umunsi aba kristu gatorika bahimbaza umunsi mukuru w’Umuryango Mweranda w’i Nazareti, Umukuru w’Igihugu, Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye, ari kumwe n’Umutambukanyi wiwe Nyenicubahiro Angeline Ndayishimiye, n’ibibondo vyabo, bifadikanije n’aba kristu ba paruwasi Kiganda mu ntara ya Muramvya, mu nkuka ya misa ya gatatu.

Mu nsiguro z’ijambo ry’Imana zo kuri uyu musi, Patiri mukuru wa paruwasi Kiganda, yisunze inkuru nziza ya Yezu-Kristu nkuko yanditswe na Luka (2,22-40), yasavye imiryango y’abakristu gufatira akarorero ku muryango Mweranda, ugizwe na Yozefu, Mariya na Yezu, mu kwubaka imiryango ikomeye, irangwa n’urukundo, amahoro, umwumvikano, kwakira ishaka ry’Imana, kuyigororokera no kugumya ibanga, aca abasabakugira kwama bisunga akarorero ka Mariya na Yozefu.

Yasavye imiryango kwama irangwa n’ingeso nziza ziranga ingo z’abubatse rukristu, arizo ukwitsinda, ukwihanganiranira, ukwitwararikana, kwubahana, kwizigirana, kugumanirizanya ibanga, kwiheberanira, imigenzo myiza, imibano myiza n’ababanyi, hamwe rero no kwubaha Imana.

Yarangije ashimira Sebarundi kubona yashimye kuzanana n’umuryango wiwe mu kwifadikanya n’aba kristu ba paruwasi ya Kiganda, mu guhimbaza uyo musi mukuru w’Umuryango mweranda w’i Nazareth, aca amwipfuriza imigisha, imihezagiro no kuroranirwa mu gikorwa Imana yamushinze co ku kubera umuvyeyi abarundi bose.

Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye, mw’ijambo yashikirije ryo kuramutsa aba kristu ba paruwasi Kiganda, yabipfurije Noweri nziza n’umwaka mushasha wa 2021, abipfuriza ko woba umwaka w’amahoro n’umutekano. Yasavye abarundi guhinduka, tukaba abantu b’ubuntu, urukundo, ubumwe n’umuvukano, gushika naho n’isi yose itangarira Uburundi n’abarundi.

Sebarundi yashimye kandi ko uwu munsi ushitse abarundi bari mu mahoro n’umutekano, ata nzara ivugwa mu gihugu, n’ikirere kikaba kimeze neza, akizerako umwimbu uzogenda neza mu gihugu cose, kugira ngo intumbero ya Reta y’uko umunwa wose woronka ico ufu gira ishobore kuja mu ngiro.

Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yabashimiye kandi kubona baramwizeye kugira ngo abere umusuku abarundi bose, aca abasaba na ntaryo kugira umutima w’urukundo, ubumwe n’umuvukano muri uwu mwaka mushasha dutanguye, no kuguma bamusabira, kugirango Mutima Mweranda amushoboze, muri ico gikorwa kidasanzwe co kurongora Uburundi.

Sebarundi yarangije asaba abenegihugu bose kugira umutima w’urukundo n’ubumwe mu miryango, mu kibano no mu gihugu cose.

shares
error: Content is protected !!