Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu asaba abarundi gushigikira abatishoboye

Umukuru w’Igihugu asaba abarundi gushigikira abatishoboye

Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito NDAYISHIMIYE n’umuryango wiwe bagendeye, kuri uyu  wa gatanu igenekerezo rya 25 kigarama, irerero ry’impfuvyi Kezakimana-Ubuzima bushasha mu gusubizahamwe (VNR), riri i Nyabiharage mu gisagara ca Gitega, irerero ryegukira ababikira b’aba misiyonari bo gusubiza hamwe.

Umuryango wa Sebarundi watunganije ico gikorwa, mu ntumbero yo gufasha abana b’impfuvyi barerewe muri ico kigo guhimbaza umusi mukuru wa Noweri mu kanyamuneza.

Mw’ijambo yashikirije, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito NDAYISHIMIYE yaboneyeko akaryo ko gusaba imiryango yose y’abarundi gufasha impfuvyi, n’imiburiburi umuryango umwumwe wose ukaba ufise umwana w’impfuvyi canke umuntu atishoboye canke ageze muzabukuru, kugirango ibitigiri vy’abana bari mu marerero canke mu bigo vy’abageze muza bukuru bigabanuke.

Yamenyesheje ko Reta y’Uburundi iriko iraraba ingene bene ivyo bigo vy’abagiraneza vyofatwa mu mugongo, kuko ngo bifasha Reta cane mu gushira mu ngiro intumbero yihaye yo gufata mu murongo abatishoboye. Yavuze rero ko uburyo bwo gufata mu mugongo bene ivyo bigo buja bwararategekenijwe.

Nyenicubahiro Varisito NDAYISHIMIYE yashimye Musenyeri mukuru wa diyoseze nkuru ya Gitega kuri ico gikorwa, agasaba ko cobera akarorero abarundi bose. Yateye intege Musenyeri Simoni Ntamwana, amusaba kugwiza ben’ivyo bikorwa vy’iteka kandi vy’urukundo n’imbabazi ku bantu batishoboye.

Sebarundi yasavye kandi abihebeye Imana bose bo mu Burundi, kwitanga batiziganya mu gufasha abo barongoye guhindura ingendo n’inyifato, bakama basaba Mutima-Mweranda kugirango abafashe gukomeza umutima w’urukundo n’ikigongwe mu barundi.

Mu gusozera ihimbazwa ry’umusi mukuru w’ihimbazwa ry’ivuka rya Yezu-Kristu, Sebarundi yasangiye akanyamuneza ka Noweri n’abageze muzabukuru bo ku musozi wa Kibimba, komine Giheta, intara ya Gitega.

shares
error: Content is protected !!