Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu yahaye umubonano uwuserukira Ubutariyano mu Burundi

Umukuru w’Igihugu yahaye umubonano uwuserukira Ubutariyano mu Burundi

Kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 4 Kigarama 2020, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro NDAYISHIMIYE Varisito yahaye umubonano Massimilliano MAZZANTI, aserukira igihugu c’Ubutariyano mu Burundi, asanzwe afise icicaro i Kampala mu gihugu c’Ubuganda. Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru inyuma y’uwo mubonano, Massimilliano MAZZANTI yavuze ko bayaze na Sebarundi ku bijanye n’icokorwa kugirango imigenderanire yo gufashanya isanzwe iri hagati y’ivyo bihugu ukwari bibiri itsimbatare.

Uyo mushitsi yamenyesheje kandi ko igihugu c’Ubutariyano cipfuza gufashanya n’Uburundi na cane cane mu kurwiza umwimbu mu gisata c’uburimyi, nko mu guhingura, kubika neza no gushora ama tomati. Igisagara ca Parme co muri ico gihugu kikaba kigiye kuzofasha mu bijanye n’ubwo buhinga ngaha mu gihugu c’Uburundi, banafashe kandi no mu bijanye n’’ubworozi, na cane cane mu gushingura neza no mu gushora inyama z’ingurube.

Uwuserukira igihugu c’Ubutariyano ngaha mu Burundi yavuze kandi ko banayaze ku bijanye n’ingene ico gihugu ciyemeje kuzokwama gishigikira Uburundi bimwe biboneka mu bijanye na politike n’imigenderanire hagati y’ivyo bihugu ukw’ari bibiri, eka mbere no mw’ishirahamwe ry’ibihugu vya Buraya.

shares
error: Content is protected !!