Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu yashitse i Malabo kuri uyu wa mbere mu rugendo ruzomumaza imisi itanu

Umukuru w’Igihugu yashitse i Malabo kuri uyu wa mbere mu rugendo ruzomumaza imisi itanu

Mu kwitaba ubutumire bwa mugenziwe w’igihugu ca Guinée Équatoriale Nyenicubahiro Obiang Nguema Mbasogo, Umukuru w’igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Ndayishimiye Varisito yaragize guhera kuri uyu wa mbere urugendo ruzomumaza imisi itanu mu gihugu ca Guinée Équatoriale.

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yashitse i Malabo, ku murwa mukuru wa Guinée Equatoriale ejo ku wa mbere inyuma y’umutaga mu masaha yaho.

Agishika ku kibuga c’indege c’i Malabo, umukuru w’igihugu c’Uburundi yakiriwe na Mugenziwe nyenicubahiro Teodor Nguema Obiang Mangue, icegera c’Umukuru w’igihugu ca Guinée Equatoriale ajejwe kwivuna abansi n’umutekano w’igihugu.

Hampande y’ Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Angeline Ndayubaha Ndayishimiye, Umukuru w’igihugu yaherekejwe n’abashikiranganji batanu ba Leta y’Uburundi, ari bo: Albert Shingiro ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu n’ugufashanya mu bijanye n’iterambere, Alain Tribert Mutabazi, umushikiranganji wo kwivuna abansi no kwitaho abahoze ku rugamba, Muganga Thaddée Ndikumana, umushikiranganji ajejwe ivy’amagara y’abantu no kurwanya ikiza SIDA, Déo Guide Rurema, umushikiranganji ajejwe ibidukikije, uburimyi n’ubworozi n’umushingamateka Immaculée Ndabaneze ajejwe ubudandaji, gutwara ibintu n’abantu, amahinguriro n’ingenzi. Yaraherekejwe kandi n’abajejwe gutunganya ku musi ku musi ibikorwa vy’Umukuru w’igihugu Zéphyrin Maniratanga n’icegera ciwe Colonel Jules Ndihokubwayo, Umuvugizi w’umukuru w’igihugu J. Claude Karerwa Ndenzako n’uwurongoye igisata kijejwe amakuru mu biro vy’Umukuru w’Igihugu Willy Nyamitwe.

Umusi wa mbere w’urwo rugendo rw’Umukuru w’igihugu waranzwe n’amanama yahuje abaserukiye ivyo bihugu uko ari bibiri, ubwa mbere ku rwego nshikiranganji, hanyuma ku rwego rw’abakuru b’ibihugu. Abo na bo bakaba babonanye mw’ibanga mu ngoro yiririwe abenegihugu imbere yuko babonana bari kumwe n’abandi bose baserukiye ivyo bihugu vyompi. Uwo mubonano ukaba wasozerewe no gushirako umukono ku masezerano atanu yo gufashanya.

Uwo musi wa mbere wasozerewe n’inzimano Nyenicubahiro Obiang Nguema Mbasogo yakirije Mugenziwe Nyenicubahiro Ndayishimiye Varisito, hamwe no guhanahana amajambo.

shares
error: Content is protected !!