Umukuru w’Igihugu yagendeye ibibanza bimwe bimwe n’amahinguriro yo muri Guinée Equatoriale
Kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 03 Munyonyo, Umukuru w’igihugu c’Uburundi n’abo bafatanye urugendo baragendeye ibibanza bimwe bimwe n’amahinguriro yabakaburiye ubwenge. Batanguye kugendera Ingoro y’amakoraniro y’i SIPOPO. Bariko baramutembereza muri iyo nyubakwa, Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu yamenyeshejwe ko iyo ngoro ifise ibibanza vyinshi bitandukanye. Ikibanza ca mbere kinini cakira abantu 1600, ikindi 350, ikindi kibanza kijamwo 150. Harimwo kandi n’ikibanza gikorerwamwo amanama y’inzego zikomakomeye kikaba cakira 400, n’ikibanza co gufunguriramwo abashitsi 500. Harimwo kandi n’ibiro bitandukanye, ahakorera abamenyeshamakuru n’abasanzwe basobanura indimi mu myanya y’amanama mpuzamakungu, n’ibindi.
Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Ndayishimiye Evariste yarishikiye ku bitaro vy’akarorero La Paz, ikigo kinini c’ubuvuzi kizwi cane mu kuvura ingwara zikomakomeye. Kiranakoresha, iyo bikenewe, bwa buhinga bwo kuvura umurwayi abaganga bari kure na kure.
Urwo rugendo nyenicubahiro Umukuru w’igihugu yarubandanirije mw’izinga rya Bioko aho yiboneye uruganda rw’umwuka bita gaz de Punta Europa, hamwe n’ihinguriro ry’umwuka méthanol AMPCO n’ihinguriro rya GNL rya Guinée Équatoriale. Yaciye ashika no ku ruhongore kama rw’ibikoko ry’i Malabo imbere yuko ashika mu ntara ya Riaba, aho Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu n’umutambukanyi wiwe n’abo bafatanye urugendo bazimaniwe. Hakaba ari mu ruhongore kama rw’uwitwa Marcos Obiang Nguema Nsue.
Umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Angeline Ndayishimiye, na we, yaragendeye kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 03 Munyonyo icicaro gikuru c’ishirahamwe Constancia Mangue Nsue Okomo, ishirahamwe rya Mugenziwe wa Guinée Équatoriale hamwe n’iyindi migambi y’iterambere nk’ishure ryigisha indimi zitandukanye rya CANIGE, ibitaro vy’abarwayi b’ingwara zo mu mutwe vy’i Malabo.
Mu vyo abo batambukanyi b’abakuru b’ibihugu bayaze nuko iryo shirahamwe Constancia Mangue Nsue Nkomo rikora bimwe n’ishirahamwe Bonne Action- Umugiraneza rya Nyenicubahiro Angeline Ndayishimiye, nko mu gukurikirana abatishoboye. Ayo mashirahamwe yompi yemeranije gukorana.