Kirundi || Français

Umwidondoro w’Umushikiranganji wo Kumenyesha Amakuru, Ugutumatumanako mu Buhinga bwa None n’Ibimenyeshamakuru

 

Umupfasoni NIJIMBERE Mariya Chantal, Umushikiranganji wo Kumenyesha Amakuru, Ugutumatumanako mu Buhinga bwa None  n’ibimenyeshamakuru kuva ku wa  28 Ruheshi 2020, yavukiye muri Komine n’intara ya Cankuzo mu  mwaka wa 1983 kandi arubatse.

Imbere yo kwinjira mu mabanga y’ubushikiranganji, Mariya chantal NIJIMBERE yagira akwize imyaka 10 y’akazi mu gisata c’abigenga mw’ishirahamwe ry’aba scouts/guides bo mu Burundi aho  yari  yizewe nk’umuhinga mu vy‘ ubutunzi, gukurikiranira hafi  urwaruka rw’aba scouts/guides Burundi,  no gutegura  iminsi mikuru  itegerezwa muri uyo muryango ku gwego rw’igihugu.

Mariya chantal NIJIMBERE yarabaye kirumara, muri iryo shirahamwe no mu gukarihiriza ubwenge n’ubumenyi urwaruka ruhurikiye mu muhari w’aba scouts/guides bategurwa kuzokwigisha abandi.

Umushikiranganji Mariya Chantal NIJIMBERE yararanguye   bimwe bishimishije imirimo  yiwe  ya misi yose yari ashinzwe  mw’ishirahamwe ry’aba scouts/guide bo mu Burundi bibonekako ata ntambamyi zokurangura akazi  bohura naho yimukiye mu gisata gitandukanye nico yahora akoreramwo.

Mw’ibango ryo gutunganya ubutunzi bw’iryo shirahamwe kuva mu mwaka wa 2010 gushika mu 2014 vyatumye yizerwa ngo ategure uburyo bujanye n’umunsi mukuru  w’abascouts bo muri afrika wabaye mu 2011 asubira kandi kwizerwa mu mabanga nkayo mu 2012  mu nteguro z’umunsi mukuru wiswe ‘’ 6ème jambolé du scoutisme africain’’.

Yarabaye umunya muryango   wa SOJPAE na FENADES ku bushake bwiwe kuva mu mwaka wa 2014 gushika muri 2017.

kuva mu 2015 gushika muri  2017,  umupfasoni Mariya Chantal NIJIMBERE yari ajejwe ubutunzi mu mugambi ‘’Youth for peace building in Burundi ‘’ mu nyuma ahava  yinjira muvyo  gukarihiriza ubwenge abandi kubijanye no kwigisha no gukinga amabi afatiye ku kwihereza ibiboreza mu mugambi wa « alcool prevention »

Umupfasoni Mariya chantal NIJIMBERE  yize kuri kaminuza y’uburundi aho yaronkeye  impamyabushobozi mu  gisata c’ubutunzi  n’intwaro.

Ntiyahereje aho kuko yarahawe iyindi mpamyabushobozi y’ubwoko ‘’Master’ muvy’ubutunzi muri kaminuza ‘’ Mount Kenya university/Burundi center’’.

Ikindi twobamenyesha nuko umupfasoni Marie Chantal NIJIMBERE yarakurikiranye inyigisho nkarishabwenge zitandukanye mu bihugu bitandukanye.

Mu mwaka wa 2018 yarakurikiranye inyigisho zijanye no gukinga no guhagararira agateka ka zina muntu zabereye muri Kenya muri 2018, asubira mu mwaka wa 2015, mu gihugu c’Urwanda, gukurikirana inyigisho zijanye n’indinganizo ibereye  mw’ ikoreshwa  neza ry’ imfashanyo /ingabire

Yarongeye agenda I Arusha mu gihugu ca Tanzaniya, mu mwaka wa 2016, ahabwa ubumenyi bwerekeye uburyo bwiza (ubuhinga) bwo kwiyegereza abantu mu kibano canke ahandi. Muri ico gihugu nyene, umupfasoni Mariya Chantal NIJIMBERE yararonse akandi karyo ko kunagurwa mu vyerekeye gukinga, kugenzura no gutanga ivyegeranyo. Mu mwaka wa 2010  naho niho uyo mupfasoni, ubu  ari Umushikiranganji wo Kumenyesha Amakuru, Ugutumatumanako mu Buhinga bwa None  n’ibimenyeshamakuru, yakurikirana inyigisho z’ingene bategura neza umugambi .

 

 

 

error: Content is protected !!