Umwidondoro w’Umushikiranganji wo Kumenyesha Amakuru, Ugutumatumanako mu Buhinga bwa None n’Ibimenyeshamakuru
Umupfasoni NIJIMBERE Mariya Chantal, Umushikiranganji wo Kumenyesha Amakuru, Ugutumatumanako mu Buhinga bwa None n’ibimenyeshamakuru kuva ku wa 28 Ruheshi 2020, yavukiye muri Komine n’intara ya Cankuzo mu mwaka wa 1983 kandi arubatse.
Imbere yo kwinjira mu mabanga y’ubushikiranganji, Mariya chantal NIJIMBERE yagira akwize imyaka 10 y’akazi mu gisata c’abigenga mw’ishirahamwe ry’aba scouts/guides bo mu Burundi aho yari yizewe nk’umuhinga mu vy‘ ubutunzi, gukurikiranira hafi urwaruka rw’aba scouts/guides Burundi, no gutegura iminsi mikuru itegerezwa muri uyo muryango ku gwego rw’igihugu.
Mariya chantal NIJIMBERE yarabaye kirumara, muri iryo shirahamwe no mu gukarihiriza ubwenge n’ubumenyi urwaruka ruhurikiye mu muhari w’aba scouts/guides bategurwa kuzokwigisha abandi.
Umushikiranganji Mariya Chantal NIJIMBERE yararanguye bimwe bishimishije imirimo yiwe ya misi yose yari ashinzwe mw’ishirahamwe ry’aba scouts/guide bo mu Burundi bibonekako ata ntambamyi zokurangura akazi bohura naho yimukiye mu gisata gitandukanye nico yahora akoreramwo.
Mw’ibango ryo gutunganya ubutunzi bw’iryo shirahamwe kuva mu mwaka wa 2010 gushika mu 2014 vyatumye yizerwa ngo ategure uburyo bujanye n’umunsi mukuru w’abascouts bo muri afrika wabaye mu 2011 asubira kandi kwizerwa mu mabanga nkayo mu 2012 mu nteguro z’umunsi mukuru wiswe ‘’ 6ème jambolé du scoutisme africain’’.
Yarabaye umunya muryango wa SOJPAE na FENADES ku bushake bwiwe kuva mu mwaka wa 2014 gushika muri 2017.
kuva mu 2015 gushika muri 2017, umupfasoni Mariya Chantal NIJIMBERE yari ajejwe ubutunzi mu mugambi ‘’Youth for peace building in Burundi ‘’ mu nyuma ahava yinjira muvyo gukarihiriza ubwenge abandi kubijanye no kwigisha no gukinga amabi afatiye ku kwihereza ibiboreza mu mugambi wa « alcool prevention »
Umupfasoni Mariya chantal NIJIMBERE yize kuri kaminuza y’uburundi aho yaronkeye impamyabushobozi mu gisata c’ubutunzi n’intwaro.
Ntiyahereje aho kuko yarahawe iyindi mpamyabushobozi y’ubwoko ‘’Master’ muvy’ubutunzi muri kaminuza ‘’ Mount Kenya university/Burundi center’’.
Ikindi twobamenyesha nuko umupfasoni Marie Chantal NIJIMBERE yarakurikiranye inyigisho nkarishabwenge zitandukanye mu bihugu bitandukanye.
Mu mwaka wa 2018 yarakurikiranye inyigisho zijanye no gukinga no guhagararira agateka ka zina muntu zabereye muri Kenya muri 2018, asubira mu mwaka wa 2015, mu gihugu c’Urwanda, gukurikirana inyigisho zijanye n’indinganizo ibereye mw’ ikoreshwa neza ry’ imfashanyo /ingabire
Yarongeye agenda I Arusha mu gihugu ca Tanzaniya, mu mwaka wa 2016, ahabwa ubumenyi bwerekeye uburyo bwiza (ubuhinga) bwo kwiyegereza abantu mu kibano canke ahandi. Muri ico gihugu nyene, umupfasoni Mariya Chantal NIJIMBERE yararonse akandi karyo ko kunagurwa mu vyerekeye gukinga, kugenzura no gutanga ivyegeranyo. Mu mwaka wa 2010 naho niho uyo mupfasoni, ubu ari Umushikiranganji wo Kumenyesha Amakuru, Ugutumatumanako mu Buhinga bwa None n’ibimenyeshamakuru, yakurikirana inyigisho z’ingene bategura neza umugambi .