Kirundi || Français

Umwidondoro w’Umushikiranganji w’Imigenderanire n’Ugufashanya mw’Iterambere

 

Ambasaderi Aruberuto SHINGIRO, ni Umushikiranganji w’Imigenderanire n’Ugufashanya mw’Iterambere, kuva igenekerezo rya 28 Ruheshi 2020. Nkuwize ivy’Imigenderanire, yagiye azezwa amabanga atandukanye muvy’intwaro n’imingenderanire no mu vyo umutekano kuva mu mwaka wa 2006 kugegeza ubu.

Amaze gushingwa kenshi, amabanga atandukanye mu vyo imigenderanire, akaba azi neza ivyerekeye ubwo Bushikiranganji bw’Imigenderanire n’Ugufashanya mw’Iterambere, haba mu bisata bikorera ng’aha mu Burundi no mu Buserukizi bw’Uburundi mu mahanga.

Nkako, hagati y’umwaka wa 2006 na 2010 yarabaye Umuhanuzi wa Kabiri ndetse yarabaye incuro nyinshi Icariho c’Uwuserukira Uburundi mw’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU i New York.   Kuva mu mwaka wa 2010-2012, yaravuye mu Bushikiranganji bw’Imigenderanire n’Ugufashanya mw’Iterambere, aho yajejwe amabanga yo kuba Umuyobozi Mukuru ajejwe ivy’Igendereza hanze y’Igihugu, mu gisata c’Igendereza. Agarutse mu Bushikiranganji bw’Imigenderanire n’Ugufashanya mw’Iterambere mu mwaka wa 2012 gushika 2014, yajejwe kuba Umunyamabanga Ntayegayezwa w’ubwo Bushikiranganji. Hama mu mwaka wa 2014, yashinzwe amabanga yo guserukira Uburundi mw’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU, amabanga yakoze gushika muri Ruheshi, 2020.

Ambasaderi Aruberuto Shingiro, ari mw’idini ry’Abangilikane, akaba yavukiye muri komine ya Buhiga, mu Ntara ya Karusi , hagati hashira Ubuseruko bw’uburundi, mu mwaka w’ 1970. Arubatse akaba n’Umuvyeyi w’abigeme batatu.

Kuva akiri muto, Ambasaderi SHINGIRO yarazwi nk’umuntu w’ubwira, ubukerebutsi n’ubutwari. Kubera ugushira amanga kwiwe, yarajejwe ibikorwa bitari bike, mbere arabironkera ubushimwe bunyuranye. Akaba ari mu mugambwe uri k’Ubutegetsi CNDD-FDD kuva ugishingwa mu mwaka w’1994. Yarabaye Uwuserukira uwo Mugambwe muri Amerika ya Ruguru kuva mu mwaka wa 2000, imbere yo guserukira uwo mugambwe nyene mu gihugu ca KANADA.   Yaratowe kandi kuba Umurongozi  w’Abarundi baba i KEBEKI muri KANADA. Kuva mu mwaka wa 2002 kugeza 2003, yimenyereza akazi mw’Ishirahamwe Mpuzamakungu ry’Inyigisho zi KEBEKI(AIEQ), mu mwaka wa 1999, yarikwirikiranije kuba Umwunganirizi mw’Ishirahamwe ryo Gutumatumanako Amakuru ryo mu Gihugu ca Benin ryitwa Tropicom-communication, yongera aba Uwujejwe Gutanga Amakuru mu kimenyeshamakuru gisohoka kabiri mu ndwi co mu gihugu ca Benin bita ” Les Tropiques”. Yarabaye Umwunganizi w’Ubuhinga umwaka umwe kuri Kaminuza LAVAL, mu gice ca 2 cane cane kubijanye n’Inama yabanya Amerika.

Ubutwari bwiwe bubonekera kandi mu kugwanira inyungu z’igihugu no mu gushira imbere ishusho nziza y’Uburundi mu makungu na cane cane mu Nama y’Ishirahamwe Mpuzamakungu rya ONU, eka no mu Nama Ijejwe Umutekano. Arazwi nk’Uwushikiriza ivyiyumviro bitomoye kandi birashe, yerekana uko igihugu cifashe imbere y’Ivyegeranyo vy’Ishirahamwe Mpuzamakungu, ONU ku Burundi. Akaba afise ubumenyi buhagije m’uvy’ubutungane, politiki n’imigenderanire y’ibihugu, ubwo bumenyi kandi bukaba bwunganiwe n’uburambe afise muri iyo mirimo. Akaba afise Impamyabushobozi y’Ikirenga(master) muvy’imibano Mpuzamahanga, mugisata c’Iterambere Mpuzamahanga yaronkeye kuri Kaminuza Laval yo muri KANADA mu mwaka 2003, Kuriyo Kaminuza nyene mumwaka wi 2002 yaraharonkeye urupapuro rwemeza ko yakwirikiranye ivyigwa vy’Ubuhinga bwa none no Guhanahana Amakuru. Imbere yaho, yararonse urupapuro rw’Umutsindo (licence) rwa Kaminuza mu vy’Ubuhinga bw’Ubucamanza, mu gisata c’Ubuhinga mu vya Politiki n’Imigenderanire Mpuzamahanga, kuri Kaminuza Nkuru y’I Benin mu mwaka wa 1997. Muri izo nyigisho yaraharonkeye ubumenyi mu vy’ ubuhinga mu vya politiki n’imigenderanire mpuzamahanga.

Umushikiranganji w’Imigenderanire m’Ugufashanya mw’Iterambere yararonkejwe udushimwe dutandukanye. Turetse aho yatowe  ku rwego mpuzamakungu, kuba mubagize umurwi ushinzwe gutanga agashimwe k’Ishirahamwe Mpuzamakungu ONU,kitiriwe Nelson MANDELA, umwaka wa 2020, yarashikirijwe  agashimwe ko ku rwego rw’Intwazangabo,  agashimwe yashikirijwe n’Umuhisi Nyakubahwa Perezida Petero NKURUNZIZA. Kwi genekerezo rya mbere Mukakaro 2019, naho nyene yararonkejwe agashimwe ko ku rwego rw’ubucuti bw’Abenebihugu.

Umushikiranganji SHINGIRO, arakunda gusoma ibitabu, agakunda kugira imyimenyerezo ngorora mubiri, arakunda gukina umupira wo kumeza (Tenis de table), arakunda kandi ibijanye n’ubuhinga bwa none bwo guhanahana amakuru.

 

 

 

error: Content is protected !!