Umukuru w’Igihugu yakiriye Umunyamabanga mukuru wa Afrika y’Ubuseruko
Kuri uyu wa 29 Rusama, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yakiriye, ku kirimba ciwe kiri i Gitega, Peter Mutuku Mathuki, Umunyamabanga Mukuru w’Umuryango wa Afrika y’Ubuseruko.
Muri uyo mubonano, baganiriye ku bijanye n’imigambi mikuru mikuru iriko irarangurwa mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko, na cane cane ku bijanye n’umuhora rusangi wo gutumatumanako amakuru, ibijanye n’amabarabara y’indarayi ahuza ivyo bihugu bihurikiye muri iryo shirahamwe, ibivuko n’ibindi.
Muri uyo mubonano, baganiriye kandi n’ibijanye n’inama y’abakuru b’ibihugu bigize uyo muryango wa Afrika y’Ubuseruko yimirije mu misi iri imbere, mu bitegekanijwe ku rutonde hakaba harimwo kwinjiza igihugu ca Repuburika iharanira Demokarasi ya Congo muri uyo muryango. Ururimi rw’igifaransa narwo nyene rukaba rugiye kuzofatirwako nk’ururimi rukoreshwa mw’ishirahamwe rya Afrika y’Ubuseruko.
Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yashimiye uyo mushitsi kuba yagendeye Uburundi, amwemerera kuzomushigikira, yongere amwipfuriza imirimo myiza yo gukora yivuye inyuma mu gutezimbere uwo muryango w’ibihugu vyo muri kano karere.