Umukuru w’Igihugu Ndayishimiye yahawe ubutumwa buvuye kwa Mugenziwe wa Centrafrika
Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yakiriye kuri uyu wa kane umupfasoni Sylvie BAIPO TEMON, umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu w’igihugu ca Centrafrika, yari yaje amuzaniye ubutumwa bwa Mugenziwe wa Centrafrika.
Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yamuciriye ku masonga uko igihugu cifashe, ivyatumye uwo mupfasoni BAIPO amwumviriza cane akanahakura icigwa.
Umukuru w’igihugu anêzerejwe no kubona intambwe igihugu kivukanyi ca Centrafrika kigezeko, yagize ati: ” Iyo abanyepolitike n’abo mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya politike bumva kumwe umugambi wo kubana mu mahoro, vyose bica bifata umurongo bikagenda neza”.
Yarongeye ati: “Kugira ngo abenegihugu bongere kuja hamwe, barekuriranire hariho ibibwirizwa gukorwa. Novuga ubwa mbere ko abantu babanza kukingirwa ubuzima bwabo, bagahimirizwa gukora kugira bashobore kubaho, hamwe rero no gutunganya ibikorwa bihuza abantu benshi nk’inkino.”
Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yemereye Mugenziwe kumufasha mu vyo ashoboye nko mu kumurungikira ingabo z’inzobere mu bisata bitandukanye, mu gihe vyose avyipfuza.
Ntiyibagiye kumubwira yuko abarundi bazi kurima kijambere bogenda muri Centrafrika bakabugurura amaso kugira ngo bashobore kurima, banagaburire abenegihugu basanzwe batanashikira imiliyoni zitanu mu gihe baba mu gihugu kinini cane. Mwomenya yuko ikiro c’umuceri kigurwa hafi ibihumbi mirongo itatu (ama dorari 9), mu gihe mu Burundi kiri munsi y’idorari rimwe.
Uwo Mushikiranganji BAIPO yashimiye Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye ku cipfuzo ciwe co gufashanya hagati y’ibihugu vya Afrika.