Umushikiranganji mushasha w’indero n’ubushakashatsi yarahiye imbere y’Umukuru w’Igihugu
Inyuma y’umutaga wo kuri uyu wa mbere igenekerezo rya 5 Ndamukiza 2021, mu ngoro y’amakoraniro yo mu Kigobe, Umushikiranganji mushasha w’indero n’ubushakashatsi Dr François Havyarimana, niho yarahira icese ngo atangure amabanga yo kurongora ubwo bushikiranganji.
Imbere ya Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu n’Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka vy’Uburundi, afashe ibendera ry’igihugu, yiyemeje kuzohagararira amasezerano y’ubumwe bw’abarundi n’ibwirizwa nshingiro ry’igihugu, no kuzoharanira inyungu z’igihugu niz’Abarundi bose.
Inyuma y’iyo ndahiro y’Umushikiranganji mushasha w’indero n’ubushakashatsi, haciye hakurikira gufata isanamu y’Umuryango ku bagize Reta.
Tubibutse ko Umushikiranganji mushasha w’indero n’ubushakashatsi aheruka kugenwa n’itegeko ry’Umukuru w’Igihugu Nomero 100/ 069 ryo kuwa 23 Ntwarante 2021, kugirango asubirire Dr Gaspard Banyankimbona, aheruka kugenwa mu mabanga mashasha yo kuja kurongora urwego rukuru rw’amakaminuza yo mu muryango wa Afrika y’Ubuseruko.