Umukuru w’Igihugu yifadikanije n’abakirisu bo muri Paroisse Kibumbu mu guhimbaza Pasika
Kuri uyu musi mukuru wa Pasika, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye n’Umuryango wiwe, basangiye inkuka ya misa yo guhimbaza izuka rya Yezu, n’abakristu ba Paruwasi Kibumbu iri mu ntara ya Mwaro.
Paruwasi Kibumbu iri muri komine Kayokwe, yaheruka guhura n’igihuhusi caguruye isengero n’izindi nyubakwa, ariko kuri uyu musi wa Pasika ikaba ija yarasubiye gusakarwa neza, aho ni inyuma y’aho Umuryango wa Sebarundi n’abandi bagiraneza batandukanye batangiye imfashanyo y’ibikoresho vyo kuyisanura.
Mw’ijambo ry’indamutso ku bakristu ba Paruwasi Kibumbu, Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yavuze ko Imana ica mu nzira nyinshi kugirango yiyereke abatoni bayo, kugirango ubuninahazwa bwayo bwimenyekanishe ngaha kw’isi. Ati iyo ikibi kibaye, Imana yo iba ibona ikindi ciza imbere yayo, ica asaba uwariwe wese kutihebura imbere y’amakuba aya canke ariya, kuko ngo Imana vyose iba ibibona. Ati ibibi bishitse, inyuma yavyo hakurikira ivyiza, ari naco catumye Yezu yemera kubabara, agapfa ku musaraba, agaheza akazuka kugirango natwe tubone gukira.
Yashimiye abo bose bitanze mu guterera, umwumwe wese kuco ashoboye, kugirango iyo sengero isanurwe, nkuko yari yabisavye ko Pasika yogera iyo ngoro y’Imana isakaye. Ati vyaraye vyigaragaje neza ko Abarundi bose bagize urunani atanakimwe kidashoboka.
Ati uyu musi mukuru wa Pasika wobera abakristu n’abarundi bose akaryo keza ko guhinduka no kwiyegereza Imana, kuyikunda no kubungabunga ubuzima bwabo yabahaye. Yaboneyeho rero n’akaryo ko kubitsa guhozako mu kurwanya no kwikingira ikiza ca korona, ntibaryame umukondorazosi, ariko bikingire mu gukurikiza ingingo zose zijanye no kwikingira ico kiza.
Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye, ati Reta yarashizeho uburyo bwose bushoboka kugirango abarundi bose bashobore kwipimisha ikiza ca korona hakiri kare. Yaciye rero ahamagarira abarundi bose kwijukira kwipimisha kandi kenshi gashoboka, kandi bongere bagume banasenga kugirango ico kiza kirangire mu Burundi, eka mbere no kw’isi yose.
Yarangije asaba abakristu n’abarundi bose ko uwu munezero wa Pasika wobabera akaryo keza ko gukomeza urukundo nk’urwo Yezu yabakunze mu kubapfira ku musaraba, aca abasaba gushigikirana no kubabarana muri vyose na hose, birinde ishari, akadenderezo no kurementanirizanya iyo vyoza bituruka hose.