Umubonano Umukuru w’Igihugu yagiranye n’Abarundi baba i Bangui
Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye Umukuru w’Igihugu c’Uburundi yabonanye kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 30/03/2021 n’Abarundi baba mu gisagara ca Bangui, umurwa mukuru wa Centrafrique.
Abo nabo bakaba bari bipfuje kuramutsa no kuganira na Sebarundi ngo bamwereke akanyamuneza bafise kubera icubahiro bafise muri ico gihugu gituruka cane cane ku butwari abasirikare b’Abarundi bari muri ico gihugu berekana. Bari banafise n’ibisabo bipfuza kumutura bijanye no Kuba ata buserukizi bw’Uburundi buri muri Centrafrique, ikibazo co kwugaranwa (confinément) bakamara igihe kirekire iyo batahutse mu Burundi nico boterera mw’iterambere ry’igihugu cabibarutse.
Nyenicubahiro yabamenyesheje uko igihugu cifashe muri iki gihe, ku bijanye n’imibano, amahoro n’umutekano, ko bimeze neza cane, arabasobanurira ibikorwa vya Reta Mvyeyi- Reta Nkozi hamwe n’ibikorwa vy’iterambere abenegihugu bariko bararangura mu ntumbero y’uko umufuko wose utegerezwa kuronka amahera, umunwa wose ukaronka ico ufungura.
Ku kibazo cerekeye ubuserukizi, Nyenicubahiro yatahuye intambamyi n’ibibazo Abarundi baba muri Centrafrika bafise ku kijanye no kuronswa impapuro zo kuba muri iki gihugu, ndetse n’ibibazo vyo kuronswa impusha zo gusohoka mu gihugu (visa). Yabemereye ko ico kibazo kigiye gutorerwa umuti.
Ku kibazo co kwugaranwa imisi myinshi iyo batashe mu Burundi, Nyenicubahiro yaciye abaha insobanuro zikwiye kuvyerekeye uko Uburundi burwanya ikiza Coronavirus. Yababwiye ati: “Uburundi bushitse ku ntambwe ishimishije cane ku bijanye no kurwanya Covid-19 ku buryo n’ibindi bihugu vyibaza uko tubigenza”. Ati rero ingingo zose zifatwa ku neza y’Uburundi n’Abarundi kandi ntitwosubiza inyuma intambwe tumaze gushikako.
Ku kibazo cerekeye uruhara bogira mw’iterambere ry’igihugu, hariho bamwe baba i Bangui, bamaze kwumva ko hari umusesekara mwinshi w’umwimbu mu gihugu, baciye basaba ko bokworoherezwa mu kuwushikana muri Centrafrika kugira ngo Uburundi buronke amahera y’agaciro. Nyenicubahiro yabemereye ko ababijejwe bazobibafashamwo.
Umubonano warangiye mu kanyamuneza ntangere, Abarundi baba i Bangui bakaba biyemeje kubandanya bagendera akaranga n’imico myiza vy’Uburundi hamwe no kwigisha ururimi rw’Ikirundi abana bahavukira .