Kirundi || Français

Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yaganutse ava mu rugendo rw’imisi 3 yahoramwo mu gihugu ca Misiri

Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yaganutse ava mu rugendo rw’imisi 3 yahoramwo mu gihugu ca Misiri

 

Ku kiganiro yahaye abamenyeshamakuru igihe yashika ku kibuga c’indege mpuzamakungu Melchior Ndadaye c’i Bujumbura, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yamenyesheje ko ashima cane ingene yakiranywe igishika na Mugenziwe wa Misiri, Nyenicubahiro Abdel Fattah Al Sisi, agashima umutima w’urukundo n’umuvukano abanya Misiri berekanye, muri iyo misi 3 yari amaze ariko aragendera ico gihugu.

Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yamenyesheje ko Misiri n’Uburundi ari ibihugu bisanzwe bifitaniye ubucuti budasanzwe, na cane cane ko bihuzwa n’amazi y’uruzi Nil. Ati ni urugendo rwari mu ntumbero yo gutsimbataza iyo migenderanire y’ubucuti vyo kuva muri kahise, hamwe rero no gufashanya bisanzwe biri hagati y’abarundi n’abanya Misiri.

Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yamenyesheje ko yaronse akaryo ko kuyaga na Mugenziwe wa Misiri ku bitari bike bizozanira akunguko abarundi n’abanya Misiri ku mpande zose. Ati muri urwo rugendo, we na Mugenziwe wa Misiri bararabiye hamwe icokorwa kugirango amasezerano yo gufashanya mu bisata bitandukanye ivyo bihugu bisanzwe bifitaniye aje mu ngiro.

Sebarundi, ati harateweko umukono ku masezerano mu bisata bitandukanye vy’iterambere n’imibano, aha tukavuga nk’ibisata vy’uburimyi n’ubworozi, ingenzi, igisata c’ubuhinga bwa none bwo gutumatumanako amakuru, igisata c’indero, amagara y’abantu, amahinguriro, inyubako, gutwara abantu n’ibintu, n’ibindi.

Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yamenyesheje kandi ko urwo rugendo rwabaye akaryo keza ko kugendera ibibanza bitandukanye, kugirango barahure ubumenyi. Ati twahereye kugendera umurwa mukuru wa politike w’Igihugu uriko urubakwa, bifashijwemwo n’abahinga b’abanya Misiri nyene, kandi ku mwanya muto. Abo bahinga mu bijanye n’inyubako bakaba baremeye kuzoza gusangiza ubumenyi n’abarundi mu bijanye n’ico gisata.

Mu bijanye n’imitahe naho, Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yamenyesheje ko abagwizatunga b’abanya Misiri biyemeje kuzana imitahe yabo hano mu Burundi mu bisata bitandukanye, kugira basahirize mu mugambi w’Igihugu w’iterambere. Umurwi wa mbere w’abo bagwizatunga w’abanya Misiri ukazoshika ngaha mu Burundi mu misi ya vuba, inyuma y’ukwezi kw’Iramazani, kugirango utangure kuraba ibisata botangura gushingamwo imitahe yabo.

shares
error: Content is protected !!