Umukuru w’Igihugu Ndayishimiye aripfuzako Ekleziya Katorika yoba umushinge w’iterambere
Mu gihe hahimbazwa ukumenyekana kw’Umwami Yezu, Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu c’Uburundi, aho yari yifadikanije n’abakirisu ba paruwase Budatyora iri muri Komine Itaba y’intara ya Gitega, mu nkuka y’imisa y’uwa Mungu wa mbere w’umwaka wa 2021, yipfuje ko Ekleziya Gatorika yoba koko amayugi y’iterambere.
Nyenicubahiro Ndayishimiye Evariste yakengurukiye Ekleziya katolika ku ntererano ikomeye yayo mw’iterambere ry’igihugu. Ati:” Leta y’Uburundi iriteguye gukorana neza n’amaparuwase mu bikorwa vy’iterambere.
Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Ndayishimiye Evariste yaboneyeho akaryo keza ko guhamagarira abarundi bose gukundana, no kwijukira ibikorwa vy’iterambere, kuko, ku bwiwe, umwaka wa 2021 ni umwaka witiriwe ibikorwa vy’iterambere.
Muriyo nkuka y’imisa bikaba vyasiguweko umunsi mukuru wahariwe Ukumenyekana kw’Umwami w’abami ugaragarira mu butumwa bwiza bwanditswe na Matayo (2:1-12), aho bavuga abamajusi batatu, bárongowe n’inyenyeri, bavuye mu buseruko bakaja gushikanira Imana, Mesiya yigize umuntu kugira ngo acungure abantu.
Kabaye kandi n’akaryo keza ku Mukuru w’Igihugu ari Kumwe n’Umutambukanyi wiwe, ko kwipfuriza abakirisu bose, na cane cane abakukira paruwase Budatyora, umwaka mwiza wa 2021, ngo uze ubabere uw’amahoro n’iterambere.