Kirundi || Français

Abamenyeshamakuru b’Ikimenyeshamakuru Iwacu barekuwe hisunzwe ikigongwe c’Umukuru w’Igihugu

Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye ahejeje kugirira ikigongwe abantu 4 b’ikinyamakuru Iwacu bari basanzwe bapfungiwe mw’ibohero rikuru rya Bubanza.

Kw’itegeko ry’Umukuru w’Igihugu No 120 ryo kuwa 23 Kigarama 2020 rijanye n’ikigongwe c’Umukuru w’Igihugu, Agnès Ndirubusa, Christine Kamikazi, Egide Harerimana na Térence Mpozenzi barekuwe, inyuma y’aho basabiye ikigongwe Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu c’Uburundi, bakamusaba gutezurirwa.

Abo bamenyeshamakuru baronkejwe kandi ico kigongwe ca Sebarundi, kuberako bigenjeje neza mu kiringo cose bari mw’ibohero, bakaba ariko bararishe amande yose baciriwe.

Tubibutse ko abo bamenyeshamakuru bari bahagaritswe kw’igenekerezo rya 22 Gitugutu 2019 mu ntara ya Bubanza, bagirijwe icaha co guhungabanya umutekano w’Igihugu.

shares
error: Content is protected !!