Kirundi || Français

IJAMBO RISHIKIRIJWE NA NYENICUBAHIRO UMUKURU W’IGIHUGU C’UBURUNDI, YIPFURIZA ABARUNDI N’INCUTI Z’UBURUNDI UMWAKA MUSHASHA MWIZA WA 2025

 Nyenicubahiro Mana Mushoboravyose, wewe wamye urinda ihanga ry’Uburundi, ukaba n’ubu warabukingiye impanuka umwaka wose, n’uhabwe icubahiro kigukwiye.

 

Barundi, Barundikazi,

Ncuti z’Uburundi,

 

  1. Turiko turasozera umwaka w’2024.

Twawutanguye neza, tubandanyana urugendo ata kuryagumbana, ata wandyawangura, none turiko turawuha agasaga kugira ngo twinjire mu wundi uwukoreye mu ngata.

Nanje nka Sebarundi, ndabaramukije ndabipfuriza umwaka mwiza, uzobashikane heza mutigeze mushika mu mpande zose z’ubuzima.

  1. Ndakeje abenegihugu bakora mu bisata vyose vy’ubuzima, bitanze batiziganya kugira igihugu kigume gitekanye kandi gihindura ishusho mu bijanye n’iterambere.

Ndakeje canecane abantu bose bahagurukiye igisata c’uburimyi, bigatuma umwaka urangira ata nzara twumva nk’uko vyahora mu myaka yahera.

Barundi, Barundikazi,

Ncuti z’Uburundi,

 

  1. Uyu mwaka turangije, waranzwe na vyinshi vyiza ; ari na vyo bigiye kutubera umutahe n’impamba y’urugendo tugiyemwo guhera mu mwaka buca utangura w’2025.

Uyu mwaka twawukuyemwo ivyigwa ku bibazo bitari bwigere bivugwa mu Burundi, na canecane ibibazo bijanye n’ubutunzi.

Uretse ko twawukuyemwo isomo, twaranabifatiyeko kugira dukore umwimenyerezo mw’itunganya rishasha ry’igihugu, mu nzira idushikana mw’iterambere rirama kandi ridakumira.

None tuwuhejeje umuntu wese yamaze kwerevuka, abona iyo aja n’ico yokora, kiretse ibigaba bimwebimwe vyamenyereye kurya bitarushe.

  1. Ni co gituma mfashe kano kanya kugira nkeze mwese Abarundi n’abanyamahanga baba mu Burundi, bafise ishaka ryo kwiteza imbere no guteza imbere igihugu.

Mbere bimwe vyihariye, ndakeje urwaruka n’abakenyezi ku mwete n’ubwira mwerekanye mu bikorwa vy’iterambere.

Canecane, ndakeje urwaruka rwo mu gisagara kuko ubu rwaratahuye ko kubaho atari ukuba mu bibanza canke mu buzi bw’ibisata vy’igihugu, ahubwo ko kubaho, ari ugukora ibikorwa bigwiza umwimbu.

Barundi, Barundikazi,

Ncuti z’Uburundi,

  1. Uyu mwaka dutanguye w’2025, n’umwaka w’ifatiro n’intango yo gushira mu ngiro imbonakazoza y’igihugu cacu.

Twawise « Umwaka w’umunyamwete », icivugo cawo na co kikaba ari iki ngo :

« Murundi wese, gira ico ukoze kugira Uburundi bushike kw’ihangiro ry’igihugu giteye imbere ».

 

  1. Muti igihugu giteye imbere kiba gifise ishusho imeze gute?

Ni igihugu kirangwamwo ukwishira n’ukwizana, amahoro n’umutekano, ariko kandi abenegihugu bakaba baroraniwe, bakagira ivyo bafungura n’aho barara, bakagira amagara meza, ubwenge n’ubumenyi, igihugu na co kikagira ijunja n’ijambo mu makungu, gitunze kandi gitunganiwe.

Kugira ngo dushikire ico gihugu giteye imbere, cigaba kikigaburira, hasabwa ukwitanga kudasanzwe kandi hasabwa vyinshi :

  1. Ica mbere, twese dutegerezwa guhinduka, ahari ubugaba hagasubira ubugabo, ibinebwe bigahindura ingendo, canke bigahindurwa;
  1. Ikindi gisabwa kugira dushikire ubwo Burundi, ni ukucubakira ku Mategeko.

Akagagazo, ukutumva n’ukutumvira, ukwitereka kw’isonga ry’ubutungane, ukurenganya ikibonanya uyu canke uriya ngo n’uko Imana yaguhaye ibi canke biriya, ivyo bitegerezwa kuziririzwa mu Burundi.

 

  1. Kugira kandi dushike ku gihugu twipfuza, dutegerezwa gutunganya neza intwaro, ku buryo abatwara baba ari indongozi z’imboneza.

Hariho itandukaniro hagati y’indongozi isanzwe n’indongozi y’imboneza. Indongozi isanzwe iricara ikaja iyo bija gusa. Indongozi mwene iyo, yifata nk’umurezi w’umwana; amushira mu maboko gusa adashobora kumwonsa ngo umwana atere imbere.

Indongozi nk’iyo, usanga ari imperekeza gusa, nta co imarira igihugu kuko nk’uko biri mw’ijambo ry’Imana, Impumyi ntirongora iyindi, ahandi hoho bogwa mu kinogo bose.

Ariko indongozi y’imboneza, ni iyereka abo itwara iyo iriko irabajana, ikabereka inzira bakurikira n’ibikorwa bategerezwa gukora.

Aha rero, abenegihugu mutegerezwa kuhakanurira, canecane muri iki gihe co kwitegurira amatora.

Mwirinde abadandanji b’ibinyoma, babiyezako uno musi kandi ari imburakimazi.

Muragabe, muze mutore indongozi z’imboneza.

  1. Ikindi kizodushikana ku Burundi twipfuza, ni ukuduza ubutunzi bw’igihugu.

 

Aha na ho nyene munkundire ndahatebe cane :

Nta kibabaje nk’ukumva umuntu yirigwa aridoga ngo ifaranga ryarataye agaciro, na we haheze umwaka ata n’ikintu na kimwe kigwiza umwimbu ahaye amaboko.

Ico kumenya cambere ni uko ifaranga urimenyera ku vyo washoye.

Naho woronka amahera ataco washoye, ayo mahera ntaho aba ataniye n’ibipapuro ataco bivuze.

Ni co gituma imfashanyo ataco ifasha mw’iterambere.

Iyo biba vyari uko, kuva aho Uburundi bwahereye bufashwa, buba bwarateye imbere.

Ifaranga kugira umenye ko rifise agaciro, nturipimira kw’ifaranga ry’ikindi gihugu, uripimira ku vyo washoye mu bindi bihugu.

Ifaranga kugira riduge, ni ugukora tukimbura, tukaronka ivyo dushora.

  1. Kugira igihugu gitere imbere, igikorwa c’iremezo ni ukubungabunga ivyo ufise ukongera ukagwiza umwimbu.

Muri uyu mwaka, twarabonye ko Abarundi batarategera neza ibijanye no kubungabunga ubutunzi bw’igihugu.

Abagwizatunga n’abadandaza, ntibaratahura akamaro k’amakori n’amatagisi, abakorera Reta ntibaratahura ikoreshwa neza ry’ikigega c’igihugu; mbere benshi bifata nk’uko batazi amahera igihugu gikoresha iyo ava.

Twarabonye no mu bushikiranganji bumwebumwe basohora amahera, bafatiye ku masoko atabaho n’ibikorwa bitakozwe.

Mbere n’abarongozi b’amabanki, bifata nk’abatazi ko ari bo bajejwe kubungabunga itunga ry’igihugu, kandi ari bo bari kuba abahinga igihugu cikorako.

  1. Mbere uyu mwaka, twarabonye n’abatoba n’impaka ubutunzi bw’igihugu: Bamwe baranyegeje amahera y’igihugu kugira abenegihugu babure ayo baja gusumisha kandi ari rwabo; abandi barashoye ibidandazwa mu bindi bihugu, ariko ntibatahana amahera mvamakungu baronse, ndetse n’ingenzi mvamahanga zaje mu gihugu, amahera mvamakungu zazanye barayegeranije barayanyegeza, kugira igihugu ntikironke amahera mvamakungu yo kugura ivyo Uburundi butihingurira. Hari n’abandi bacisha ivyo baranguye hanze mu binywabi, kandi bazi neza ko ayo babiguze yavuye i Burundi.

Aho hose bahunga amakori n’amatagisi.

  1. Uyu mwaka buca dutangura rero, uzananye n’impinduka mu gutunganya ubutunzi bw’igihugu.

Abahora batazi ko gutoba itunga ry’igihugu ari igicumuro gihanwa n’amategeko mpanavyaha, nibabimenye kuko, ubu, abahora bigira ibiro biteze, bakinisha itunga ry’igihugu, bagiye gufatirwa ingingo.

Ica mbere coco mube murakimenya, amakori n’amatagisi ategerezwa kwinjira yose mu kigega c’igihugu.

Uwuzokwigira sindabibazwa na we, amenye ko intahe izomukubita mu gahanga.

Hariho abahora babikora bitwaje ko bahagarikiwe n’abigira ibihangange. Uwuzofatwa abimenye, n’uwamukingiye ikibaba, bazohanirwa hamwe.

Abatozakori mbaye ndabagabisha: Ubu mumenye ko ari ukwitanga, bibaye ngombwa duhindure amategeko abagenga, ku buryo bazohemberwa ico bakoze, abinjije make bahembwe make, abinjije menshi bahembwe menshi.

  1. Mw’ibungabungwa ry’ikigega, na ho nyene ni mubimenye; amahera yose ategerezwa gusohoka twabonye neza ico agiye gukora ku neza y’abenegihugu.

Abahora rero bayayangira mu kinyegero, bamenye ko uyu mwaka buca utangura ari uwundi.

Tuzokoresha ubushobozi bwose duhabwa n’amategeko kugira abafise izo ngeso batuzwe, mbere n’abayasohoye ataco agiye gukora tubakurikirane, bayagarukane kandi bahanwe.

  1. Mu bijanye n’igisata co kugwiza umwimbu, Abarundi bose bavyumve kuko si ubwa mbere ndabivuze.

Kugira utunge wongere utunganirwe, utegerezwa kugira umwidegemvyo mu bijanye n’ubutunzi.

Uwo mwidegemvyo ntuzoboneka utunzwe no gutega amashi.

  1. Umuntu wese azi ko akorera uwundi, naho uzoba ukorera igihugu, niwibaze uti: “Mbega aka kazi nkora kohera uyu musi nobaho gute”? Niwibaza ico kibazo, ugasanga ikirato kizoca kiguhengamirako, umenye ko ata kazoza uzoba ufise, uce ukura amaboko mu mpuzu, ukore ikintu kiguha umwimbu ushora kw’isoko.
  1. Ivyo gushora ntibibuze: hari ibiva mu burimyi n’ubworozi, ibiva mu burovyi, ibiva mu bwonko bwacu n’ibiva mu bikorwa vy’ingenzi. Turizeye ko ata wobura ico atora muri ivyo.

Ivyo bigaca bijana no guhingura ivyo twimbuye be n’itunga kama Imana yaturemeye.

Umurundi atari muri ivyo bisata mvuze, ntaco ariko arafasha mw’iterambere ry’igihugu dushaka. Naho woba uri mu bindi bikorwa, ni vyiza ko ugira n’akantu gatoyi ukoze kagwiza umwimbu kugira uhe agaciro amafaranga ufise.

  1. Dutegerezwa kugwiza umwimbu kugira dukure hanze bike. Birababaje kubona mu masoko yose, mu maduka, yuzuyemwo ibintu biva hanze, mbere harimwo n’ivyo twari kwihingurira ngaha iwacu!

Uno mwaka, dufatiye ku biharuro duhabwa n’ikigo kijejwe kwegeranya amakori n’amatagisi (OBR), amafaranga yinjiye mu gihugu avuye mu vyo dushoye hanze angana n’amadorari imiriyoni mirongo umunani n’ibihumbi amajana atatu na mirongo itanu, na mirongo itandatu na rimwe (80.350.061 $), ariko ivyo twakuye hanze bifise agaciro kangana n’amadorari umuriyaridi n’imiriyoni amajana umunani na mirongo ibiri n’indwi, n’ibihumbi mirongo itatu na kimwe n’amajana ane (1.827.031.147$).

Ikibabaje, muri ivyo vyavuye hanze, ivyo kwinezereza ngo twerekane ko turi abakire ni vyo vyinshi.

Ikindi kibabaje, ni uko n’ubwo ivyo vyavuye hanze bifise ako gaciro, amafaranga mvamakungu yavuye mu ma banki kugira birangurwe angana na n’amadorari imiriyoni ijana na mirongo umunani n’imwe, n’ibihumbi mirongo itandatu, n’amajana umunani na mirongo icenda.

Biragaragara rero ko ibice birenga 80% vy’amafaranga akoreshwa mu kurangura hanze, ava mu minwe y’abanyonyezi bayanyegeza mu mazu.

  1. Ni co gituma tugiye gufata ingamba kugira tugarukire ubutunzi n’iterambere ry’Uburundi.

Ku bakozi ba Reta, mubimenye kandi mubitegere ko igihe c’imikino carangiye.

Mu misi ya vuba tugira tugendere ibisata vya Reta bitwereke ico bigiye gukorera abenegihugu muri aya mezi atatu, ni ukuvuga mu misi ijana.

Abatagira umugambi na bo, nta kundi, kuko kuva ubu nta muntu n’umwe agiye kubandanya ahembwa ataco yakoze.

Abata ibikorwa vyabo bagiye ku mabaramiro mu bunywero, tugiye kubafatira ingingo ruhasha.

  1. Ikindi kintu gihambaye ariko gitangaje, ni ingene amafaranga ari ku ma konte y’amashirahamwe ya Reta, umengo si ayayo, ugasanga abajejwe kuyarongora bayafata nk’ayabo bwite, bakibagira ko bashinzwe kuyabungabunga no kuyavyaza umusaruro ku neza y’igihugu.

Aha rero aboba bibaza ko bategerezwa gukoresha amafaranga y’amashirahamwe ya Reta nk’ay’abo bwite turabavuniye akagohe, ntibahirahire ngo basubire gukora ibidakorwa, kuko vyohava bibakora!

Bose baterezwa kwumva ko ayo mahera baharura ko ari ay’igihugu, ategerezwa kwandikwa mu mutungo w’igihugu harya mu kigega gikuru c’igihugu.

  1. Abihaye na bo ingeso yo kunyegeza amahera iwabo, canke amabanki anyegeza amahera kugira ibanki nkuru ntimenye ingene itunganya ibijanye n’ubutunzi, na bo nagira ndabagabishe.

Tugiye gukoresha ubushobozi bwose Imana yaduhaye kugira turandurane n’imizi ako kabi. Uwo tuzosanga raporo yiwe itandukanye n’ukuri, abimenye ko ari icaha gihanwa.

Twarabonye kandi ko mugutoba itunga ry’igihugu hari inzoka yizingiriye ku gisabo, ngo twanse ko batoba itunga ry’igihugu vyose bimeneke.

Naho nyene, tuzokoresha ubwenge Imana yaduhaye iyo nzoka tuyimature kandi tuyihonyore ku mutwe, ico gisabo gisigare kidora.

  1. Mu kugarukira iterambere, dushaka yuko ata Murundi yorya ataco yahaye amaboko.

Twasanze Abarundi batakaza n’imiburiburi amasaha 16 ku musi, ivyo bituma umwimbu utagwira, ariko abafungura ari benshi.

Birababaje kubona incabwenge, indongozi zari kuba akarorero, uzisanga mu bunywero imbere y’isaha zitandatu canke imbere yuko izuba rirenga.

Ni co gituma tugiye kugwanya twivuye inyuma amabaramiro yose akorana mu masaha abantu bari kuba bari ku gikorwa. Ico ndababwiye ni uko incabwenge arizo zizotangura kubona ingene tuzogwanya uwo muco.

  1. Ku ruhande rw’uburongozi bw’igihugu, turazi ico ibisata vya Reta bisabwa :

Ni umutekano, ubutungane no gukora ibishoboka kugira abenegihugu bari ku kivi boroherezwe.

Tugiye gukora ibishoboka kugira igihugu na co gishobore kuronka uburyo butuma abo benegihugu baramirwa.

Ni co gituma tugiye kwitaho bimwe biboneka igisata co guhingura ubutare, kugira Uburundi na bwo buronke ico bushora hanze, buronke uburyo bwo kwubaka inyubako rusangi no kurondera umuyangankuba ukwiye.

Barundi, Barundikazi

 

  1. Uburundi buteye imbere kandi, nti tuzobushikira tutitayeho ibidukikije. Nti twibagire ko iyi isi ari ingabire twahawe n’Imana ku buntu. Itubungabungiye ubuzima, ni na co gituma natwe dutegerezwa kuyibungabunga.

Gukingira ibidukikije, ni ugukunda isi n’igihugu cakwibarutse.

Ni co gituma tuzokwama duhimiriza guca imikobeko aho hose ikenewe, no gutera ibiti canke ivyatsi ku kengera z’inzuzi.

Barundi, Barundikazi,

  1. Iyo twavuye turahazi kandi turahazirikana, iyo tuja turahazi, murumvise ko ari kure.

Ni kure ariko haragendwa, tuzohashika kuko ni heza ; « ico umutima ushatse nti kiba kure y’amaguru ».

Nshingiye ku vyo mpejeje kuvuga vyose, nsavye mwese Abarundi ibi bikurikira :

  1. Ni mugire urunani mu gukora, musenyere ku mugozi umwe.

Kuva na kera na rindi, Abarundi bamye bakorera hamwe, bagahinda ikibiri kugira barime hanini, bimbure vyinshi bipfuza.

Na twebwe rero, mu gihugu cose, tuje hamwe, turangure imigambi iduza ubutunzi, dutunge, dutunganirwe.

Ntihagire uwusubira guhagarika umutima kubera ibicantege duhura, ivyo vyose tuzobitsinda turi ku kivi.

Barundi, Barundikazi,

Ncuti z’Ubundi,

 

  1. Sinosozera ntabamenyesheje ingingo zine zikurikira, zigiye gufatwa kugira ngo dukomeze urugendo rwacu rutuganisha mu gihugu giteye imbere :

Ubwa mbere : nk’uko bitegerezwa, tuzobandanya gucungera amahoro n’umutekano ; uwuzohirahira agashaka kuwudurumbanya azofatwa nk’umwansi w’igihugu, aronke igihano kibereye ;

Ubwa kabiri : abagize akamenyero kurya ibiturire no gusesagura amatungo y’igihugu, bazobogozwa mu mabanga yabo, bahanwe, barihe ikibiriraho ivyo basahuye, kandi ntibazosubira gushingwa amabanga n’igihugu ;

Ubugira gatatu : Abanyegeza amahera yabo mu mazu aho kuyatwara mu mabanki, canke amabanki adatanga raporo y’ukuri mw’ibanki nkuru y’igihugu, abadatanga amakori n’amatagisi bitwaje ibihagararo vyabo, bazofatwa nk’abansi b’iterambere ry’igihugu, abagarariji, hanyuma bahanwe vy’akarorero;

 

Ubwa nyuma : muntu uzofatwa uriko unyegeza ibicuruzwa ivyo ari vyo vyose kubera uburiganya, ivyo twita « stock de spéculation », canke uriko uduza ibiciro uko wishakiye, ugurisha ibidandazwa ku biciro wishingiye wewe nyene, witwaje ibi na biriya, uzokwakwa uburenganzira bwo gucuruza, hamwe n’ibindi bihano ruhasha.

Dusavye ubu nyene ubushikiranganji bw’ubudandaji, gukora ivyigwa vuba bwango kugira hamenyekane ibiciro mfatirwako vy’ibidandazwa, hamwe n’inyungu ntarengwa ku bikorwa vy’ubudandaji ku masoko yaha iwacu. Gurtyo abahiganwa, bazohiganwa bamanuka hasi, ntibazohiganwa baniga umwenegihugu.

  1. Mu gusozera, nashaka gusubira kwipfuriza Abarundi bose aho bari hose umwaka mwiza.

Uyu mwaka w’2025 niwahera, tuzoheza twirimbure, turabe umunyamwete yarushije abandi, aheze ashimirwe izuba ryaka.

Musangire rero ivyo mwategekanije, muyaga amahoro n’umutekano, ariko mutibagiye urugendo turimwo rugana kuri ya Mbonakazoza yacu y’igihugu cifashe mu 2040, giteye imbere mu 2060.

Imana Segaba ibahangaze !

shares
error: Content is protected !!