Kirundi || Français

Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yakiriye intumwa idasanzwe ya ONU mu karere k’ibiyaga binini

Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yakiriye intumwa idasanzwe ya ONU mu karere k’ibiyaga binini

 

Kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 29 Rusama, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yahaye umubonano Huang Xia, intumwa idasanzwe y’Umunyamabanga Mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, mu karere k’ibiyaga binini.

Muri uyo mubonano wabereye ku kirimba c’Umukuru w’Igihugu kiri i Gitega, baganiriye ku bijanye n’amahoro, umutekano n’iterambere mu karere k’ibiyaga binini. Uyo mushitsi yateye ivyatsi yivuye inyuma ibikorwa bigayitse vy’iterabwoba biheruka gukorwa n’abagizi ba nabi mu gisagara ca Bujumbura, yavuzeko bene ivyo bitero atakindi biba bigamije atari ugusubiza inyuma intambwe Uburundi bumaze gutera mu bijanye n’amahoro. Yavuze kandi ko yifadikanije n’abarundi baheruka guhura n’umwuzurira uturutse kw’ihindagurika ry’ibihe muri zone ya Gatumba. Ati mu migambi ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu karere k’ibiyaga binini vyashize imbere muri kino gihe, harimwo gukorana n’ibihugu vyo muri kano karere mu guhangana n’ihindagurika ry’ibihe.

Intumwa idasanzwe y’Umunyamabanga Mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, mu karere k’ibiyaga binini yamenyesheje ko iryo shirahamwe rishima cane intambwe Uburundi bugezeko mu bisata bitandukanye, rikanashimira Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye kukungene yitanga atiziganya mu kuzamura igihugu ciwe, kunywanisha Abarundi no kurandurana n’imizi ubukene mu gihugu. Ati iryo shirahamwe ntaco ritazokora kugirango amahoro, umutekano n’iterambere rirama bitsimbatare mu karere k’ibiyaga binini.

shares
error: Content is protected !!