Abarundi bibutse ku ncuro igira 27 igandagurwa rya Prezida Cyprien Ntaryamira
Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye, ari kumwe n’Umutambukanyi wiwe Nyenicubahiro Angeline Ndayishimiye, co kimwe n’abarongoye inzego nkuru nkuru z’igihugu, bifadikanije n’abandi barundi, mu kwibuka ku ncuro igira 27 igandagurwa rya Nyenicubahiro Umuhisi Prezida Cyprien Ntaryamira, yagandaguriwe mu gihugu c’Urwanda kuwa 6 Ndamukiza 1994, hakorowe indege barimwo n’Umukuru w’ico gihugu, Juvenal Havyarimana .
Ibirori vyo kwibuka Umuhisi Prezida Ntaryamira vyatangujwe n’inkuka ya misa yabereye muri Cathédrale Regina Mundi. Muri iyo nkuka ya misa, Musenyeri wa Diyoseze nkuru ya Bujumbura Nyakwubahwa Gerevasi Banshimiyubusa, mu nyigisho zatanzwe, yasavye abarundi, kwama bakengurukira Imana kuri iyo ngabire yari yabahaye, ariyo Prezida Cyprien Ntaryamira, kuko ngo yapfuye ari ku mirimo y’igihugu, ariko aca mu makanda ya Yezu Kristu, mu guharanira amahoro n’umutekano, mu Burundi no mu karere.
Musenyeri Gerevasi Banshimiyubusa yashimiye Reta y’Uburundi kubona yarategekanije umunsi wo kwibuka iyo cungu, aca asaba abarundi kwama bagendera na ntaryo iragi Prezida Ntaryamira yabasigaranye mu kuzirikana inzira y’amahoro, nka Yezu Kristu.
Umwungere Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura yasavye kandi abarundi gushingira intahe izuka rya Yezu Kristu badatinya, mu guharanira amahoro n’ubutungane, nk’uko Umukama yavyigishije, mu kwama na ntaryo barazwa ishinga no guhagarira amahoro Yezu Kristu yapfuye azira. Ati: “Hahiriwe abaharanira amahoro, kuko bazokwitwa abana b’Imana”.
Nyakubahwa Gerevasi Banshimiyubusa yibukije abarundi ko bose baremwe n’Imana, ko basangiye agateka ndemanwa, ko bose banganya iteka, umukuru n’umuto. Ati: “Amahoro ya Kristu ashingiye kandi ku butungane, umwe wese aronke ivyo afitiye uburenganzira”.
Yibukije kandi abarundi ko ishingiro rindi ry’amahoro Yezu Kristu yaharaniye ari urukundo, kuko iyo rubuze amahoro arahungabana, aca asaba abarundi kwama na ntaryo bashira imbere umwumvikano, kubera ko basangiye ugupfa no gukira. Yongeye avuga ati: “Imana ni Serukundo, urukundo rw’impuhwe, urukundo rw’ikigongwe”.
Umwungere Mukuru wa Diyoseze Nkuru ya Bujumbura yarangije inyigisho ziwe asubira kwibutsa abarundi ko Nyenicubahiro Cyprien Ntaryamira, yagendera mu makanda ya Yezu Kristu, kuko yari mu bashira imbere ingendo y’amahoro.
Yashimiye Reta y’Uburundi kubona yarafashe nkama iragi rya Prezida Ntaryamira mu gushira imbere ingendo y’ibiganiro. Ati: “Twame na ntaryo duharanira amahoro mu kwibuka abo bose batanze ubuzima bwabo, bariko baharanira amahoro arama”.
Ibirori vyo kuri uwo munsi vyasozerewe ku kibanza c’incungu za demokarasi aho bashize ingori z’amashurwe ku ntatemwa ya Nyakwigendera Nyenicubahiro Cyprien Ntaryamira hamwe no kwumviriza ijambo yashikirije igihe yimikwa mu mabanga yo kurongora igihugu.