Kirundi || Français

Umukuru w’Igihugu yaganutse ava mu gihugu ca Centrafrika

Umukuru w’Igihugu yaganutse ava mu gihugu ca Centrafrika

 

Kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 31 Ntwarante 2021, niho Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yaganuka ava mu gihugu ca Centrafrika, iyo yari yagiye kwifadikanya n’abenegihugu bo muri ico gihugu mu birori vyo kwimika icese Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Faustin Archange Touadéra, baheruka gusubira kwizera ngo abarongore mu kiringo kigira kabiri, inyuma y’amatora aherutse kuba muri ico gihugu.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru igihe yashika ku kibuga c’indege mpuzamakungu Melchior Ndadaye, Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu yamenyesheje ko iruhande y’ivyo birori vyo kwimika Umukuru w’Igihugu ca Centrafrika, yaronse akaryo ko kugendera ingabo z’Uburundi zarungitswe murico gihugu mu gikorwa co kugarukana amahoro n’umutekano, kugirango azitere intege. Umukuru w’Igihugu akaba na Kizigenza mu nzego z’ukwivuna abansi n’iz’umutekano Nyenicubahiro Général Major Varisito Ndayishimiye yashimye ko yasanze izo ngabo zifashe neza, zirangura neza ibikorwa zarungitswemwo n’umutima ubikunze, ashima kandi n’uko abenegihu bo muri ico gihugu bashima cane inyifato y’ibikorwa vy’iteka ingabo z’abarundi zimaze kurangura, cane cane ko amahoro, umutekano n’impore vyibonekeza mu turere dutandukanye tw’ico gihugu babikesha na cane cane izo ngabo z’abarundi, eka mbere n’amatora aherutse akaba yagenze neza ata nkomanzi.

Muri ico kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yavuze kandi ko muri urwo rugendo yagize muri ico gihugu ca Centrafrika, yabonanye n’abarundi bansanzwe baba muri ico gihugu bakorera mu bisata bitandukanye, aho yaronse akaryo ko kuganira nabo ku bijanye n’ingene igihugu cifashe muri kino gihe mu bisata bitandukanye. Bashimye intambwe Uburundi bugezeko mu rugamba rw’iterambere no kurwanya ubukene, baca basaba mbere ko hokwugururwa umuhora wo guhanahana ibidandazwa hagati y’Uburundi na Centrafrika, kuburyo ibidandazwa bimwe bimwe nk’ibiribwa vyo mu Burundi vyoza birashika muri ico gihugu vyoroshe, n’ibindi.

shares
error: Content is protected !!