Kirundi || Français

Umushikiranganji Shingiro yarayaze neza n’abagwizatunga ba Misiri ku vyo kuzana imitahe yabo mu Burundi

Umushikiranganji Shingiro yarayaze neza n’abagwizatunga ba Misiri ku vyo kuzana imitahe yabo mu Burundi

Kw’igenekerezo rya 25 Ntwarante, Umushikiranganji ajejwe imigenderanire no gufashanya n’ayandi makungu Nyakwubahwa Albert Shingiro yarakoranirije hamwe, mu nzu y’amanama yitwa Colorés Canyon y’inzu y’ingenzi Hilton Héliopolis, abarongoye amahinguriro y’igihugu ca Misiri agize ihuriro EGAAD( Egyptian African Arabe Co. for development), ihuriro ry’amahinguriro akomakomeye ya Misiri yihaye intumbero yo gushinga imitahe muri Afrika.

Umushikiranganji Albert Shingiro yari yaherekejwe na Deo Guide Rurema, umushikiranganji w’ibidukikije uburimyi n’ubworozi, Willy Nyamitwe ajejwe igisata co kumenyesha amakuru mu Biro vy’Umukuru w’igihugu, na Onesphore Baroreraho ajejwe igisata c’imigenderanire mu Biro vy’Umukuru w’igihugu.

Umushikiranganji Shingiro yarashimiye mw’ijambo ryiwe, abo barongozi b’amahinguriro bashoboye kwitaba uwo mutumiro, aca arabacira ku mayange ibisata boshingamwo imitahe yabo mu Burundi. “Uburundi burahaye ikaze uwo ari we wese ashaka kuzana imitahe n’ibindi bikorwa vyose vy’iterambere, Kuko vyose biza mu mugambi w’igihugu w’iterambere PND 2018-2027″. Yaciye abibutsa ko amategeko ajanye n’urudandazwa ari mu ya mbere meza muri Afrika, ko yorohereza rwose abanyamitahe.

Albert Shingiro yaribukije kandi ko iyo nama ibaye mu ntumbero yo gushira mu ngiro icipfuzo c’abakuru b’ibihugu vya Misiri n’Uburundi bayazeko mu gihe bari mu mwiherero ku kirimba c’Umukuru w’igihugu ca Misiri, hari kw’igenekerezo rya 24 Ntwarante. Mu bisanzwe, imwe mu ntumbero z’urugendo rw’akazi Nyenicubahiro Varisito yishikiye yagizeyo kwari uguhimiriza abagwizatunga ba Misiri; ni na yo mvo iyo nama yatunganijwe kugira hashirwe mu ngiro ico cipfuzo cabo”.

Amr Mekawy, Umuyobozi ajejwe guteza imbere urudandazwa muri EGAAD yarabayagiye ivy’iryo huriro n’imigambi bamaze gukora mu bihugu vya Afrika. Yagize ati “Turabandanya icipfuzo co kwubaka Afrika, yubatswe na Afrika”. Mekawy yamenyesheje ko ibisata bikuru bikuru bakoreramwo ari ibijanye n’inyubako, amasoko ntanganguvu, guhingura amazi,  ibijanye n’ubuhinga bwa none, ingenzi, urudandazwa rw’ivyimburwa mbumbarugo, imiti, uburimyi, ubutare, n’ibindi bisata bijanye n’amahinguriro”.

Abarongoye amahinguriro bari bitavye iyo nama barafashe ijambo umwe umwe wese  aravuga  ivy’ihinguriro ryiwe, imigambi amaze kurangura, n’ivyo ategekanya gukora muri kazoza, na cane cane ico yipfuza gukorera mu Burundi.

Mu kurangiza iyo nama, Umushikiranganji Albert Shingiro yarerekanye ko anezerejwe n’ivyo bayaze, aca arashimira amahinguriro TAQA, Hassan Allal Holding, Samcrete, Kenya Corporate, Income United Oil, Madkour, n’ayandi, kubw’ibikorwa bariko barakorera Afrika. Yaciye abatumirira kuza mu Burundi kugira ngo babandanye babiyagako kugira bashike  kw’ishirwa mu ngiro riboneka.

shares
error: Content is protected !!