Kirundi || Français

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito yaragendeye umurwa Mukuru mushasha wa politike wa Misiri

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito yaragendeye umurwa Mukuru mushasha wa politike wa Misiri

Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye, ari mu rugendo rw’akazi rwamushikanye mu gihugu ca Misiri, yararonse akaryo ko kugendera umurwa Mukuru mushasha wa politike wa Misiri, uriko urubakwa ahitwa Al-Masa ku birometero hafi 50 mu Burengero bwa Cairo. Abashikiranganji batatu baramuherekeje muri urwo rugendo yigishirijwemwo. Na bo bari Albert Nshingiro, umushikiranganji ajejwe imigenderanire no gufashanya n’ayandi makungu, Déo Guide Rurema umushikiranganji w’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi, Ibrahim Uwizeye umushikiranganji ajejwe ibibazo vy’amazi, amasoko ntanganguvu n’ubutare.

Ari kumwe n’umushikiranganji ajejwe  ingenzi na Kahise Khaled El Anany, Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yagendeye ubwa mbere  Umusikiti Al-Fattah Al-Alim, wuguruwe icese na Nyenicubahiro Abdel Farrah al-Sisi na Imam Mukuru Ahmed el-Tayeb kw’igenekerezo rya 06 Nzero 2019.

Mu nyuma yagendeye isengero iteye igomwe  yitiriwe ivuka rya Yesu yuguruwe icese kuri uwo musi nyene na Nyenicubahiro Umukuru w’igihugu ca Misiri ari kumwe na Papa w’ishengero ry’aba orotodogise b’abakopute b’i Alexandrie Théodore II.

Ku nsiguro zatanzwe  na Chaan Dahi, Umuyobozi Nshingwabikorwa w’uwo murwa Mukuru mushasha wa politike, ni isengero rinini rwose  ry’aba orotodogise b’abakopute bo mu bihugu vy’Abarabu.

Iyo sengero yitiriwe ivuka rya Yesu Kristu yubatse ku buringanire bungana n’imetero kwadarato 135000, ikaba ishobora kwakira abakirisu 8500. Uburebure bw’imbere ni imetero 142, ubwaguke na bwo ni imetero 90.

shares
error: Content is protected !!