Kirundi || Français

Ibihugu vy’Uburundi na Misiri vyashizeko umukono ku masezerano yo gufashanya

Ibihugu vy’Uburundi na Misiri vyashizeko umukono ku masezerano yo gufashanya

Ibihugu vy’Uburundi na Misiri vyateye umukono kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 24 Ntwarante, ku masezerano atandatu yo gufashanya, akuraho za mpapuro zitanga uburenganzira bwo kwinjira mu gihugu kanaka bita Visa, ku bafise impapuro z’inzira z’iteka canke z’akazi, hamwe rero n’ishirwa mu ngiro ry’umugambi wo gutunganya neza amasoko y’amazi mu Burundi.

Ivyo vyakozwe mu gihe Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye ari muri ico gihugu mu rugendo rw’akazi yatanguye ejo, ari kumwe n’Umutambukanyi wiwe n’abandi benshi bagendanye harimwo abashikiranganji bane n’abagwizatunga bashika cumi.

Ahejeje kubonana mu mwiherero na Mugenziwe wa Misiri Nyenicubahiro Abdel Farrah Al Sisi, Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yamenyesheje ko ikimenyetso c’akamarampaka caranze ugushaka gukomeza imigenderanire y’ubucuti busanzwe buri hagati ya Misiri n’Uburundi ari uko hashizweko umukono ku masezerano yo gufashanya hagati ya Misiri n’Uburundi mu bisata vyinshi biharanira inyungu rusangi.

Abo bakuru b’ibihugu bompi bamenyesheje ko muri uwo mubonano ibihugu vyabo bigize intango nshasha, intango y’ibikorwa ku neza ya kazoza basangiye, kandi ko abagwizatunga ba Misiri batumiriwe kuzana imitahe yabo mu Burundi.

Mu gusozera, Umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yatumiye Mugenziwe wa Misiri kugendera Uburundi mu gihe cose yovyipfuza.

shares
error: Content is protected !!