Kirundi || Français

Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye arashima imigenderanire myiza iri hagati y’Uburundi n’Igihugu c’Ubushinwa

Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye arashima imigenderanire myiza iri hagati y’Uburundi n’Igihugu c’Ubushinwa

 

Kuri uyu wa kane igenekerezo rya 04 Ruhuhuma 2021, Umukuru w’Igihugu Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yahaye umubonano uwuserukira igihugu c’Ubushinwa mu Burundi, Amb. Li Changlin, aho yari aje kumwikebanura, mu gihe ariko arasozera ikiringo ciwe co guserukira igihugu c’Ubushinwa hano mu Burundi.

Uwuserukira igihugu c’Ubushinwa hano mu Burundi yamenyesheje ko we n’abo bakorana bakenguruka cane imigendaranire myiza iri hagati y’igihugu ciwe n’Uburundi, iyo migenderanire ikaba ishingiye ahanini ku bwizigirwa ivyo bihugu bifitaniye muvya politike, hamwe n’ukubona ibintu kumwe ku bijanye n’ivyo gutunganiriza abenegihugu.
Vyongeye, Amb Li Changlin arashima ubwira n’ubukerebutsi vyaranze ibikorwa vy’ugufashanya hagati ya Reta y’Uburundi n’Igihugu c’Ubushinwa kuva agishikira amabanga mu mwaka w’2017.

Yamenyesheje kandi ko anezerejwe nuko yoba yaragize uruhara ku murindi udasanzwe imigenderanire yashitseko igihe yarakiri mu mabanga y’Ubuserukizi, uwo murindi ukaba watumye hashikwako ibitari bike mu migambi itandukanye bakoranye na Reta y’Uburundi, maze bikagira ico bihinduye mu buzima bw’abenegihugu b’ivyo bihugu vyompi.

Mu gusozera ubutumwa bwiwe bwo gusezera Sebarundi, Amb. Li Changlin yongeye kumenyesha ko mu bintu nkoramutima ashima, harimwo itunganywa ridasanzwe mu Burundi ry’amatora yo mu mwaka w’2020. Yakeje Abarundi ko bashize imbere Prezida Ndayishimiye, Indongozi ikunda vyukuri abenegihugu nabo bakayikunda, kandi ko ata nkeka ko azobashitsa kw’iterambere rirama.

Ku ruhande rwiwe, Nyenicubahiro Evariste Ndayishimiye yakengurutse, kw’izina ry’Abarundi na Reta y’Uburundi, umwitwarariko werekanywe n’Ubuserukizi bw’igihugu c’Ubushinwa mu Burundi kugira ngo imigenderanire hagati y’ivyo bihugu bivandimwe ishinge imizi, yongere isasagare. Prezida w’Uburundi akaba yiyemeje ko ataco atazokora ngo iyo migenderanire ishishikare gutsimbatara.

Uwo mubonano wasozerewe no gushikiriza akaganuke Prezida Ndayishimiye yari yategekeranirije Amb Li Changlin buca afata indege imusubiza mu gihugu ciwe c’amavukiro, inyuma y’imyaka irenga itatu mu Burundi.

shares
error: Content is protected !!