Ishirahamwe PNUD ryiyemeje kwongereza inguvu mu bisata vyo kurwanya ubukene mu Burundi
Umukuru w’igihugu c’Uburundi Nyenicubahiro Ndayishimiye Varisito yakiriye mu biro vyitiriwe Ntare Rushatsi umupfasoni Nicole KOUASSI, yaje guserukira Ishirahamwe Mpuzamakungu PNUD risanzwe rifasha mw’iterambere ry’Uburundi.
Nyenicubahiro Ndayishimiye Varisito yabanje kumucira hirya no hino uko ibintu vyifashe mu bijanye n’imibano n’iterambere, akaba yashimikiye cane cane ku migambi y’iterambere iriko irakorwa n’igikorwa ciwe c’ukuntu ariko arakurikirana neza araba yuko inzego zibijejwe zibirangura neza.
Uwo aserukira PNUD mu Burundi Nicole KOUASSI yashikirije urwandiko rw’inyishu zatanzwe ku bibazo uwo yasubiriye yayaze n’umukuru w’igihugu Nyenicubahiro Ndayishimiye, na vyo bikaba vyerekeye kwongereza inguvu mu bisata bitandukanye vy’iterambere, iterambere ry’urwaruka n’abakenyezi, intwaro n’ibindi.
Umukuru w’igihugu c’Uburundi yamushikirije icipfuzo c’uko amakungu yogira inguvu agafasha Uburundi kuko azi neza kahise kabwo, kugira ngo Uburundi na bwo bufate umurindi wabwo mw’iterambere no mw’itekane.