Ibihugu vya Misiri n’Ubuhindi biriteguye gufasha Uburundi
Umukuru w’igihugu c’Uburundi, Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye yakiriye, kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 29 nzero 2021, abaserukira ibihugu vy’Ubuhindi na Misiri, ari bo A. Ajay Kumar et Yasser El Atawi, baje bamuzaniye amakete abagena mu mabanga yo guserukira ibihugu vyabo mu Burundi.
Uwaserukiye Ubuhindi A. Ajay Kumar yagize ati : « Naho habaye ivyahindutse mu gihugu cacu bifatiye kuri ca kiza koronavirisi, turiteguye kuzamura ubutunzi bwacu kandi dufashe Uburundi mu bijanye no gutumatumanako amakuru ». Ati si n’ivyo gusa turiteguye kunoganza imigenderanire hagati y’Uburundi n’Ubuhindi.
Uwaserukiye igihugu ca Misiri Yasser El Atawi na we ati : Igihugu c’Uburundi, ni isoko riri kure ry’amazi ya Nil dukoresha,kandi Uburundi bwamye buri mu rugamba rwuko tutobura amazi dukoresha , ntituzigera rero duhagarika gufashanya mu bisata vy’uburimyi,gukingira ibidukikije, kwivuna abansi,amagara y’abantu n’ibindi”.
Ivyo akabayabishikirije imbere yuko ashikiriza Nyenicubahiro Umukuru w’Igihugu ubutumire bwa mugenziwe Abdel Fattah al-Sisi aho yipfuzako yogendera ico gihugu ca Misiri maze bakanoganza neza ibijanye n’imigenderanire yivyo bihugu uko ari bibiri.
Nyenicubahiro Varisito Ndayishimiye nawe ati “Amazi ya Nil si ikibazo c’iterambere gusa. Ati abantu bakwiye kumenyako ari ikibazo c’ubuzima bw’abantu na cane cane”.
Akaba yaciye ashima ubwo butumire bwa mugenziwe.