Kirundi || Français

Umushikiranganji w’Intwaro yo Hagati mu Gihugu, Iterambere Rusangi n’Umutekano

Yavukiye mu muryango ubayabaye, ku musozi wa Kibaya muri komine Bukinanyana y’intara ya Cibitoke, mu Buraruko bushira Uburengero bw’Uburundi, mu mwaka w’1970. Mu mwaka w’1993, CPC Ndirakobuca Gerevazi yari mu mwaka wa 2 muri Kaminuza y’Uburundi mu gisata c’ubushakashatsi, aho yahatswe kugandagurwa Imana igakinga, azira gusa ko yavutse ari “Umuhutu’’. Icamukijije : n’uko yari yaraye inyuma y’ibigo vya Kaminuza vyo ku Mutanga muri iryo joro harwa iryo bara. Bagenziwe baraye muri ivyo bigo ntibabisohotse, barishwe bunyamaswa n’abagenzi babo b’ Abatutsi, bagirizwa “icaha” kimwe. Amaze kumenya ko bagenziwe bishwe babaziza uko bavutse, yaciye ahamvya abandi Barundi isinzi ku rugamba.

       Ku rugamba

Ashitse ku rugamba, yaciye yiyemeza kurwanya yivuye inyuma igisirikare c’ico gihe ari naco cari gihejeje kugandagura bunyamaswa umukuru w’igihugu wa mbere w’Umuhutu yari yitorewe n’abenegihugu Ndadaye Merikiyori.

Ari ku rugamba, haba mu Burundi canke muri Repuburika iharanira Demokarasi ya Kongo, CPC Ndira-kobuca Gerevazi yarakurikiranye inyigisho za gisirikare mu bigo vy’inyigisho bitandukanye imbere y’uko aba umusirikare abushitse.Ni umukozi atigera yihanganira ubunebwe, yaratwaye ingabo ku ntambwe zitandukanye harimwo n’ayandi mabanga akomakomeye aho yabaye mu bagize ibiro bikuru vya gisirikare vy’umuhari warwanira Demokarasi, uwurongoye igendereza muri ivyo biro, yaratwaye akarere k’Ubumanuko k’ingabo za CNDD-FDD hamwe n’ingabo zarwanira mu karere k’Ubumanuko k’ikiyaga ca Tanganyika muri Kongo. Mu gihe c’intambara yarashikiwe n’amagorwa yose y’intambara iyo ava akagera nk’imbeho, inzara, uburuhe, amabombe yamijagirwa n’indege z’igisirikare c’ico gihe, ivyo vyose ntaco vyabagize be n’abagenziwe kuko bamye bagwanirwa n’Imana kuko intambara yari iyayo. Muri ivyo bihe bigoye kandi, yamye yizerwa mu bijanye n’igendereza.

Ibijanye  n’akazi

Co kimwe n’Umushikiranganji wa mbere w’iki gihe, CPG Bunyoni Allain Guillaume yakoreye mu ngata, CPC Ndirakobuca Gerevazi ni intwazangabo ikomeye kandi izi neza igiporisi c’Uburundi. Ni umwe mubahinga bakomeye muri urwo rwego, ari mubatumye igiporisi gitera iteka Uburundi aho hose carungitswe kugarukana amahoro n’umutekano. Imbere y’uko igiporisi kivuka, kw’igenekerezo rya 31 Kigarama umwaka w’2004, iyo ntwazangabo yari mu murwi udasanzwe wari ujejwe kwiyumvira ingene igiporisi gihurikiyemwo bose cobaho n’ingene cotera imbere.

Muri iki giporisi, aramaze guca ku ntambwe zose zigize urwego rw’intwazangabo kandi aramaze kuzezwa amabanga yose akomeye mu bushikiranganji. Yarabaye icababa c’uwurongoye igisata c’igendereza, ukume-nyesha amakuru n’ubushinguzi mu buyobozi bukuru bw’igiporisi, yarakoze mu murwi w’igihugu ujejwe gukura no kwaka ibirwanisho bitobito bicira umuriro abenegihugu babitunze batabifitiye uruhusha, yarabaye icegera c’umuyobozi mukuru w’igiporisi mu kiringo c’imyaka 5 (kuva mu mwaka w’2007 gushika mu mwaka w’2012), yarabaye icegera c’umugenduzi mukuru w’igiporisi mu mwaka w’2007, yarabaye ku ncuro zibiri umukuru w’ibiro bikuru mu gisata c’iperereza mu Burundi, yarabaye umuhanuzi mukuru mu biro vy’umukuru w’igihugu ajejwe ibibazo vy’igiporisi mu kiringo c’imyaka 5, yararongoye kandi iperereza ku rwego rw’igihugu gushika agenwe kuba umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano.

Imbere y’uko aba umushikiranganji, yaritaho cane ibikorwa yari ajejwe mu mwuga wiwe w’igiporisi, yarakwirikiranye inyigisho nyinshi zimukomeza muri uyo mwuga, haba mu Burundi canke mu mahanga. Ku mwete wiwe umuranga, yaranasubiye gukurikirana inyigisho za kaminuza kw’ishure kaminuza ry’umwizero aho yaronkeye indangabumenyi mu gisata c’amategeko inyuma y’imyaka itanu yahize gushika mu mwaka w’2013. Buri mugoroba inyuma y’ibikorwa biruhije yakora mu kazi kiwe ka misi yose, yaca aja mw’ishure.

Mu gisata ca Poritike

Mu vya poritike, umushikiranganji  w’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano yaragize uruhara rukomeye mu ntambara yo guharanira demokarasi mu Burundi. Yatanguye guharanira demokarasi kuva umugambwe uharanira demokarasi FRODEBU ushingwa mu mwaka w’1993. Vyabaye ngombwa ko ava mu bigo vya kaminuza ahitamwo inzira itoroshe yo kurondera demokarasi biciye mu muheto inyuma y’igandagurwa bunyamaswa rya nyenicubahiro umukuru w’igihugu Ndandaye Merikiyori ryakozwe n’uwamusubiriye Major Buyoya Petero aherutse gucigwa umunyororo wo guherayo kuri ico caha kibishe yakoze. Amaze kwirukanwa muri kaminuza y’Uburundi kubera ihonyabwoko ryahitanye ubuzima bw’abanyeshure b’Abahutu barenga 111 mw’ijoro rimwe, ari muri bake mur’abo bacitse kw’icumu baciye bahitamwo inzi-ra yo kurondera demokarasi yari ihejeje kunigirwa mu menshi baciye mu ntambara co kimwe n’Umukuru w’igihugu cacu c’Uburundi w’ubu mbere n’abandibake. Yaremeye iyo nzira yo guhabuza demokarasi biciye mu muheto n’aho yari azi neza ko vyashobora kumutwara ubuzima. Naho vyaruhisha kandi bakorana inzara munda, ntiyigeze agaruka kugatumba avukako, kwinyegeza mu rukanganga no mu binogo bitandukanye nk’abandi banyagihugu bamwe bamwe. Yabandanije yerekana umutima rugabo n’ubukerebutsi bidasanzwe muri urwo rugamba rutari rworoshe.

Mu mwaka w’2006 no mu mwaka w’2017 niho yashimirwa bimwe bidasanzwe n’umukuru w’igihugu w’ico gihe umuhisi Petero Nkurunziza kuba ari imboneza idasanzwe kubikorwa vy’iteka yakoreye igihugu. Abanka Uburundi, intwaro ya demokarasi hamwe n’agateka ka zina muntu baramufatiye “ibihano” vy’akarenganyo bamuziza gusa koyitangira igihugu ciwe biciye kubiri n’inyungu zabo. N’umuntu asanzwe yifata ruto kandi yegereye abenegihugu cane cane bato bato. CPC Ndirakobuca Gerevazi n’umurimyi mworozi arya ivyo yabiriye akuya. Amaze kugaruka mu gihugu, yaje kuba mugisagara ca Bujumbura ariko atibagiye abenegihugu bo ku gatumba avukako. N’umuntu adasanzwe, w’inguvu zidasanzwe azikoresha mu bihe bitandukanye vy’ubuzima. CPC Ndirakobuca Gerevazi kandi ni Serugo mwiza mu muryango. Afise umugore umwe n’abana 7 (abahungu 3 n’abakobwa 4). Mu buzima bwiwe arakunda gukurikirana imirima, kworora tutibagiye gusenga, akanka urunuka akarenganyo. N’umuntu akomeye mu kugwanira abenegihugu ubushikiranganji budasanzwe bw’intwaro yo hagati mu gi-hugu, iterambere rusangi n’umutekano bwagiriwe amahirwe bukaronswa kubera ingabirano afise mu kurangurana umwete n’ukwitangira ibikorwa vy’iterambere. Ni intwazangabo ibushitse, umwizigirwa izi ico ikora, iri mu kibanza kiyibereye.

 

error: Content is protected !!